Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abahinga bakongera bakaba n’abaganga bakaruhariwe bo mugisagara ca Barcelona mu gihugu ca Espagne batangaje ko umuti ushobora gukiza  Virus ya SIDA kugiye kuja ahabona inyuma yigihe gito batangaje ko bashitse kumuti nyakuru ushobora gukiza iyo ngwara itikiza abantu kw’isi idacaguye.

Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru Viroshare,kimenyesha ko aba baganga batoye uyu muti bitaboroheye cane kuko bawutoye mumaraso y’uruzogi ruhuza umuvyeyi n’umwana.

Uyu muti waba baganga ukaba  unamaze kugeragezwa kubantu batari bake ndetse umwe mubagabo bamazwe kugeragezwako akaba yemera ko yakirishijwe niwo muti wabo bahinga.

Uyu mugabo yavuwe agakoko ka SIDA numwe mu baba mugisagara ca Barcelona ahazwe hari icicaro gikuru cabo bahinga mu buganga akaba amaze gutangaza ko yakijijwe nuyu muti yahawe naba baganga .

1

Naho uyu muti uvuye mu maraso y’ y’uruzogi ruhuza umuvyeyi n’umwana ushobora gukiza aka gakoko ka SIDA ,hari nizindi ngaruka ushobora guca utera mugihe bikozwe n’abaganga batabifisemwo ubumenyi neza.Izi ngaruka zishobora guterwa n’uyu muti ni nkingwara  ya cancer ,yica na ningoga abenshi batinya .Ariko abo baganga bakaba bahumuriza ndetse bakaba baheruka gutangaza ko batoye uburyo bwiza bwo gukoresha kugira uko kuvura kwabo ntiguteze izindi ngorane.

Aba baganga nyene bakaba babandanije bamenyesha ko mu kwezi kwa ntwarante 2016  bazotangura gukorera mubitaro bitandukanye kumpande zose z’isi  kugira barwanye bivuye inyuma iyi ngwara ya   SIDA yica igatongora.

source yiyi nkuru:http://www.viroshare.com/celebrities/good-news-hivaids-cure-finally-found-doctors-confirm-no-more-condoms/


Leave a Reply