Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umuserukizi (Embassadeur )wa USA muri ONU , Embassadeur Samantha POWER yagize ico ashikirije inyuma y’amajambo y’umukuru w’inama Nkenguza mateka bwana Reverien Ndikuriyo.

Embassadeur Samantha POWER yavuze ko ahangayikishijwe cane nayo majambo y’umukuru w’inama nkenguza mateka y’uBurundi kuko ngo amajambo yakoresheje hoba harimwo ayigeze gukoreshwa mumwaka wa 94 igihe haba ihonyabwoko mugihugu kibanyi c’uRwanda.

 

Embassadeur Samantha POWER yibukije ko uwo wese azogira uruhara mukwica abantu hamwe no guhohotera gateka kazina muntu ko azobobazwa imbere y’ubutungane mpuza makungu.

Kubazi ururimi rw’icongereza  fyonda ngaho hasi kuriyo foto mwisomere ivyo Embassadeur Samantha POWER  yashikirije

CTEidGXUAAE0fE5

Tubibutse ko iryo jambo ryakoreshejwe n’umukuru w’inama  nkenguza mateka bwana Reverien Ndikuriyo ari ijambo “Gukora” iri jambo rikaba riri mumajambo abategetsi ba CNDD FDD bakunzwe gukoresha kuva kera  bagishika mu gihugu mumwaka wa 2004 kuko icivugo c’umukuru w’igihugu cari ngo “DUKORA DUSENGA ,DUSENGA DUKORA”


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

2 Responses so far.

  1. Kabizi says:

    None ko avuga ngo uwuzogira uruhara mubwicanyi azobibazwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu; ko abasize baturiye abantu n’amapine , bakica n’abantu bateye za grenade ibujumbura , ko baciye bahungira iwabo kwinyegezayo ubu akaba aribo babanyegeje. Nibakure urwamo ngaho, twarabahinyuye ntamahoro bashakira u Burundi. Ningorane zose zihari nikubera bo. Bibaza ngo ntitubibona? Nkuwo wewe turazi ivyiwe!!!!!

  2. Ndikumana Adolphe says:

    Emwe muburundi turacagowe!! uwugize ngwaraje kuduhumuriza ageze imbere ya peter acabura ico avuga? ariko abarundi tudahagurutse ngotugwanire agateka kacu ntaco tuzopfa dushitseko kubera abazungu bobo baryoherwa n’intambara.,

Leave a Reply