Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushingamateka ,Edouard NDUWIMANA  yatowe mu Ntara ya kayanza mu mugabwe CNDD FDD ,akongera akaba icegera ca kabiri c’inama shingamateka niwe yagenwe gusubirira  sheikh Mohamed RUKARA mukibanza c’umuhuza w’.abarundi 

Edouard NDUWIMANA yemejwe n’abashingamateka ku majwi ashika kuri 91,3%.

Edouard NDUWIMANA umuhuza mushasha wa barundi

Edouard NDUWIMANA umuhuza mushasha wa Barundi

Abashingamateka b’uBurundi bakaba bemeje izina rya Edouard NDUWIMANA ku majwi 91,3 kw’ijana.

Edouard NDUWIMANA akaba yariko arahiganirwa ico kibanza nabandi bashingantahe 2 aribo Prosper BAZOMBANZA hamwe na NTANGIBINGURA Amissi ,ariko aba ariwe yashoboye kkwemezwa n’inama nshinga mateka kugira subirire uwahahora sheikh Mohamed RUKARA.

Inyuma yitorwa rya Edouard NDUWIMANA  nk’umuhuza mushasha w’abarundi nawe yaciye asubirizwa mu mabanga yiwe n’umushingamatekakazi NKURUNZIZA Jackie Chantal ,yatowe mu ntara ya Ruyigi nawe nyene ava mu mugabwe wa CNDD FDD.

NKURUNZIZA Jackie Chantal niwe yaciye agigwa icegera ca kabiri c'inama nshingamateka

NKURUNZIZA Jackie Chantal niwe yaciye agigwa icegera ca kabiri c’inama nshingamateka

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook

.


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply