Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

EDDY KENZO  umwe mubaririmvyi rurangiranwa muri Uganda ndetse ari nomubamaze kwubaka izina kubera umwuga akora wo kuririmba aragirizwa gutanga ikimazi umwe mubana bahora bamutambira mumurwi wiwe witwa “Ghetto Kids”

Inyuma yurupfu rudatahuritse rwuyu mwana yahora abarizwa mumurwi wa Eddy Kenzo ,abantu benshi batanguye kwagiriza ,uyu muririmvyi ko yamutanzeko ikimazi muri Illuminati kugira yibonere amahera menshi yongere amenyekane gusumba uko vyahora.

Uyu mwana yitavye Imana yarazwi nka ALEX Sempijja ,akaba yaramenyekanye cane bivanye n’intambo yatamba muri “SITYA LOSS”rumwe mu ndirimbo zuyu musore zatumye atera imbere muvyumuziki haba muri Uganda no muri Africa hose  .

Eddy Kenzo ubu akaba ari mumazi abira kuko muri Uganda haba ibimenyesha makuru canke amaradiyo ariwe biriko birayaga gusa ,ndetse benshi bakaba batanguye gufata ko iyo nkuru imuvurwako ko ashobora kuba yaratanze uyumwana kw’ishobora kuba ariyo.

Alex Sempijja yitavye Imana akaba yarasanzwe afise imyaka cumi n’itatu (13) yamavuko ,akaba yitavye Imana mugihe yagira impanuka ariko aragendesha ikinga (igare )arikumwe na mugenziwe nawe basanzwe batambana muruwo murwi wa Eddy Kenzo.

Eddy Kenzo rero ibintu ntibimworoheye namba kuko n’umugore wiwe baheruka kuvyarana vyatanguye kunugwanugwa kwashobora kuba yakuye meza agahungisha umwana baheruka kwibaruka mugutinya ko nawe yohava amutangako ikamazi kuma shetani.

 

Raba indirimbo SITYA LOSS ya Eddy Kenzo ,hakaba hanabonekamwo ALEX Sempijja yitavye Imana.


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply