Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Intara ya Muyinga isanzwe iri muri zimwe ziherereye muburaruko bw’igihugu c’uBurundi yarose kuncuro yambere ishure ry’isumbuye rya Kaminuza,Inyuma y’intara nyishi nka Ngozi ,Gitega ,Bujumbura n’izindi .

EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY, niryo shure ry’isumbuye rya Kaminuza intara ya Muyiga igiye gutangurana naryo muruyu mwaka tugiye gutangura wa 2016 ndetse abanyeshure bambere bakaba batanguye n’ukwiyandikisha kugira baze batangurane niri shure rishasha riherereye muburaruko bw’igihugu c’uBurundi.

Ngo nkuko izina ribivuga EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY, rizoba arishure ruzokwakira abanyeshure bose bipfuza kuryigako  bava no mubihugu bitandukanye na cane cane  ko rizoba ryegeranye n’ibihugu nku Rwanda hamwe na Tanzania.

Iyi kaminuza izoba igizwe n’ibisata bikurikira:

 

1:Facultes des sciences et Technologies : departement de gestion des réseaux informatiques,

2:Facultes des sciences économiques et de gestion

3:Institut de gestion et de comptabilité

ZImwe munyubako za  EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY

ZImwe munyubako za EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY

ZImwe munyubako za EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY

ZImwe munyubako za EAST AFRICAN LEADERSHIP UNIVERSITY


Leave a Reply