Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwana Barack Obama yakoze urugendo rudasanzwe  aho yagendeye igihugu ca CUBA ,inyuma yimyaka ishika kuri 90 atamukuru numwe w’igihugu ca Amerika yari bwahonyore murico gihugu ca Cuba.

Murugendo rw’imisi ibiri Barack Obama aherekejwe n’umuryango wiwe ,yagiye murico gihugu ca Cuba mu ntumbero yo kuraba ingene imigenderanire yivyo bihugu kwari bibiri yosubira kuba myiza hamwe no gukomeza ubucuti kubihugu vyose ndetse no kuraba ingene hokurwaho ibihano vyafatiwe Cuba kuva mu myaka 54 dusize inyuma.

11143286_10154233626148812_4979143354364885815_o

Barack Obama agishika kukibuga c’indege muri Cuba arikumwe n’umuryango wiwe

Naho bwana ,Barack Obama yakoze uru rugendo mu ntumbero yo kuraba ingene ubucuti bwibi bihugu vyose bwokongera kuba bwiza bamwe mu banyamerika batanguye kunegura ingingo y’umukuru w’igihugu ca Rata zunze ubumwe bwa Amerika ndetse banamwagiriza gushaka gukorana n’umuryango w’umunyagikenya bwana Fidel Castro yaramukijwe  Cuba kuva mu mwaka wa 1976 gishika mu mwaka wa 2008 ndetse agaca aha ubutegetsi umuvukanyi wiwe Raul Castro.

Uru rugendo rwa Balack Obama ntigwigeze nagato runezera Donald Trump umwe mubariko bariyamamariza kuba umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe bwa Amerika .

Donald Trump abicishije kurubuga rwiwe yamenyesheje ko ibi vyerekanye neza ubushake bwa Barack Obama bwo gushaka gukorana n’abanyagikenya baba communiste basanzwe bazwiko kugumbira ubutegetsi imyaka myishi cane .

Abicishije kuruhome rwiwe rwa Twitter bwana  Donald Trump yaneguye cane ingene bwana Fidel Castro yarahiye ararengwa kwadashobora kubonana na Barack Obama ariko akaba yarashoboye kubonana na Papa Francis igihe yari yagendeye ico gihugu ca Cuba.

Barack Obama mumabarabara yo mugihugu ca Cuba

Barack Obama mumabarabara yo mugihugu ca Cuba

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply