Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Donald Trump  aheruka gutorerwa kuba umukuru w’igihu ca Reta zunze ubumwe za Amerika agira uwa 45 ,abandanya ashimangira ko  imigambi  yiwe yari yiyemeje mugihe yiyamamaza ategerezwa kuyishira mu giro vyihuta atacamira.

Mukiganiro yakoranye n’umunyamakuru w’imboneshakure ya CBS yo muri reta zunze ubumwe za Amerika ,Donald Trump yamenyesheje ko agiye gushiraho sentare izoba ijejwe guhana no gukurikira uwo wese azoba yakuyeyo inda akabikorera kubutaka bwa Reta Zunze ubumwe  za Amerika.

Donald Trump yamenyesheje kwagiye gushiraho Sentare igwanya abazoba bakoze ico gikorwa , anagirako amenyesha ko iyo sentare izoba irimwo abacamanza badasanzwe ,nabo nyene  bazoba bari mubarwanya iyo ngeso yo gukorara inda.

Mu majambo ya Donald Trump kurico kibazo yagize ati”Ndi uwutemera na gato igikorwa co gukorora inda ,kandi niteguye gushiraho sentare izoba igwanya ico gikorwa ndetse nabazoyikoramwo nabo bazoba bari mu murwi wabaterekwa ico gikorwa kigayitse,uwuzoba ashaka kuyikorara azofata indege aje ahandi mukindi gihugu ariko atari kubutaka bwa Amerika , izoba itwarwa na Donald Trump”.

Donald Trump akaba azotangura gutwara reta zunze ubumwe za Amerika mu kwezi kwa nzero 2017

Donald Trump akaba azotangura gutwara reta zunze ubumwe za Amerika mu kwezi kwa nzero 2017

 

Aya majambo akaba yayashikirije inyuma yaho uwuzoba ari icegera ciwe ,umukenguza mateka wo mu ntara ya Indiana bwana  Mike Pence nawe atangarije kwagiye gufatira ibihano bidasanzwe abasanzwe baryamana bahuje ibitsina.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yau kuri Facebook

.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply