Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Domitira Kiramvu yatanze ingingo 3 zo guhasha Nkurunziza harimwo no Kumwica akazimanganga:umviriza amajwi

Domitira Kiramvu ,Umwe mubamenyesha makuru bakundwa cane bo kw’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu kubera ijwi ryiwe hamwe n’ubuhinga yakoresha mukuvuga amakuru kuriyo Radiyo ,yasize ahabona ibintu 3 vyotuma ubutegetsi bwa Nkurunziza buzimangana ,aho murivyo akaba yanasizemwo kuzimanganganya ubuzima bwiwe kugira azoce yibagiranwa burundu.

Domitira Kiramvu mumajwi yasize ahabona kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 25 kigarama ,uyu mumenyesha makuru yibanze ahanini kubibi vyubutegetsi bwa CNDD FDD nkuko asanzwe abikora ariko yongerako ibintu 3 vyotuma ubutegetsi bwa CNDD FDD buranduranwa imizi bukibagiranwa kugira abarundi baronke amahoro.

Domitira kiramvu rero akaba yashikirije ibintu 3 vyotuma Pierre Nkurunziza ava kubutegetsi ,ivyo navyo akaba:

1:Gukura nkurunziza hakozwe gutembagaza ubutegetsi ariko bigakorwa n’abasirikare birya munyu atari bamwe ngo bamaze guhabwa jondama na Nkurunziza.

2:Kuja hamwe kwabagumyabanga batemera ubutegetsi bwa Nkurunziza bakamukuraho hama hakajaho intwaro mfata kibanza.

3:Kurungika nkurunziza aho yarungitse Nepo ,umuntu agatuma aburana n’umuzimu wiwe.

uyu Nepo akaba ari umwe murwaruka rwaguye mumyiyerekano yariko irabera mu Burundi kuva mukwezi kwa ndamukiza.)

Iyumviririze neza mumajwi ijambo rya Domitira Kiramvu  aho hejuru

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply