Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko vyazindutse bivurwa ,kuruyu wa gatanu ,mugisagara ca Bujumbura muri zone ya Kinindo  hafashwe ibirwanisho vyinshi cane ,ndetse binaba ivyambere bifashwe ari vyinshi kuva ugusaka ibirwanisho vyatangura.

Ibi birwanisho vyafashwe ,vyafatiwe munzu iherereye muri zone Kinindo kunzu igira numero ya 65 iri kwibarabara ry’itiriwe Ntwarante.

Nkuko vyashikirijwe na Komiseri w’igipolisi mugisagara ca Bujumbura ,Domitien Niyonkuru yamenyesheje ko ibirwanisho muri rusangi bashoboye gukura murico kibanza vyose hamwe.

1:Mortier 60 zitatu

2:Roquettes 6

3:Inkoho zo mubwoko bwa Kalashnikov 19

4:Inkoho za Mitrailleurs 2

5:Amagrenade 19

6:Amasasu arenga 2000

7:Imyambaro y’igisirikare

8:Ibirato vy’igisirikare 13

Domitien Niyonkuru , komiseri w’igipolisi  m’ugisagara ca Bujumbura yabandanije amenyesha ko ivyo birwanisho vyafashwe inyuma yo gushaka kugandagaura umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Zenon Ndaruvukanye .

Domitien Niyonkuru akaba yabandanije amenyesha ko umwe murabo bashatse kwica Zenon Ndaruvukanye yafashwe ariwe yagiye kubereka ahari habitswe ivyo birwanisho inyuma yo gufatwa n’abajejwe umutekano amaze guhusha kugandagura Zenon Ndaruvukanye.

Tubibutse ko Zenon Ndaruvukanye ,yarusimbutse ariko uwusanzwe amucungera ubuzima bwiwe yahasize agatwe bivanye namasase yarashwe nabo bari bategereye Zenon Ndaruvukanye kugira bamugandagure.

12310417_546781455495880_1337915814388327409_n 12313725_546781472162545_8393346853458034114_n12274612_1521475704834575_5257528149625629108_n


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply