Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Desire Uwamahoro yawahora yagirizwa amabi menshi harimwo ukwica ,ukunyuruza abantu,uguhohotera abantu mu ma zone ya Ngagara,Bwiza,Musaga n’ahandi na cane cane mu makaritiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yaronkejwe agashimwe n’umushikiranganji w’umutekano

Aka gashimwe Desire Uwamahoro yaronkejwe yagahawe n’umushikiranganji  w’umutekano  Alain Guillaume Bunyoni mubirori vyo gushimira aba polisi bagera kuri 44 bashoboye kwitwara neza mugucungera umutekano w’uBurundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Urupapuro rwahawe Desire uwamahoro

Urupapuro rwahawe Desire uwamahoro

 

Tubibutse ko Desire uwamahoro asanzwe ari umukuru w’umurwi waba Polisi bajejwe kurwanya imigumuko mu Burundi,uyu nyene Desire Uwamahoro akaba akundwa kuvugwa cane iyo havuzwe umuntu yanyuruzwe canke yatswe ubuzima .

Desire Uwamahoro kw'ifoto

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply