Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mwitangazo ishirahamwe Croix rouge Burundi ryasize ahabona ,ryamenyesheje ko ryipfuza abakozi bashika kuri 15 bazoba bakora mu bibanza bitandukanye.

Bafashwe mu mugongo n’ikigega c’isi yose ,Croix Rouge Burundi yamenyesheje ko yipfuza guha akazi abakozi bagera kuri 15 mu ntumbero  zo gushira mungiro umugambi wateguwe wo kugwanya ikiza ruhonya nganda SIDA hamwe n’ingwara y’igituntu ku gwego rwama Komine .

Nkuko biri mu gwandiko ishirahamwe Croix rouge Burundi rwasize ahabona ku wagatanu igenekerezo rya 1 ntwarante 2016,ishirahamwe Croix rouge Burundi ryahamagaye abashaka akazi ko bojana ivyangobwa vyabo kugira bashobore guhiganwa n’abandi mu ntumbero yo guhabwa akazi muriryo shirahamwe .

Abakozi 15 bashakwa na Croix rouge Burundi akaba aribo baba:

  1. Un Coordinateur Adjoint en charge du VIH
  2. Un Coordinateur Adjoint en charge de la Tuberculose
  3. Un expert en suivi-évaluation
  4. Un expert en gestion administrative et Finances
  5. Un expert en passation des marchés
  6. Un expert informaticien statisticien
  7. Un Responsable NTIC
  8. Un auditeur interne
  9. Un Responsable Nutritionniste
  10. Quatre nutritionnistes
  11. Neuf comptables provinciaux
  12. Dix huit responsables terrain
  13. Un assistant du Coordinateur National du Programme
  14. Un chargé du suivi des SR
  15. Un comptable national

Iyandikwa ryabashaka akazi hamwe n’itangwa ry’ivyangobwa ryabashaka akazi muriryo shirahamwe rikaba rizohera itariki 18 ndamukiza 2016.

Ushaka kumenya yinshi fyonda ngaha musi kugira uje kubuhinga ngurukana bumenyi bwa Croix rouge Burundi

Fyonda ngaha uje kubuhinga ngurukana bumenyi bwa croixRouge Burundi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply