Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Cristiano Ronaldo  ,kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Portugal akaba n’umusatirizi adasanzwe w’umurwi wa Real Madrid kuva mu mwaka wa 2009 ,yongeye amasezerano afitanye n’umurwi wa Real Madrid gushika mu mwaka wa 2021.

Kwongera amasezerano kwa Cristiano Ronaldo y’imyaka 5 mu murwi wa Real Madrid ,vyanatumye umushahara wiwe ubandanya kwiyongera gushika kuma million 32 yamanyaburaya( 32 million EUR),ndetse  bikaba vyaciye bigumiza Cristiano Ronaldo  kw’isonga nk’umukinyi ahebwa amahera menshi kw’isi.

Cristiano Ronaldo yagiye aherekejwe na nyina amuvyara murico gikorwa co kwongera amasezerano na Real Madrid

Cristiano Ronaldo yagiye aherekejwe na nyina amuvyara murico gikorwa co kwongera amasezerano na Real Madrid

Kwongera amasezerano Cristiano Ronaldo y’imyaka itanu abantu benshi basanga gusa naho uyu murwi wa Real Madrid woba wihenze cane kuko uyu mukinyi bimaze kuboneka neza kwamaze kuruha kuko imyaka yiwe yo gukina isa niyiriko iramujana ,Cristiano Ronaldo w’imyawaka 31 yamavuko ari mu bakinyi bamaze kumara umwanya mu nini mu kibuga mu murwi wa Real Madrid kuko atigera asiba urukino narumwe kiretse iyo afise imvune gusa.

Gusa Cristiano Ronaldo wewe suko abibona kuko agiheza gushira umukono kurayo masezerano yamenyesheje abanditsi n’abamenyesha makuru  ko ashaka kubandanya akinira umurwi wa Real Madrid gushika ku myaka 41 y’amavuko .

Tubibutse ko Cristiano Ronaldo ari kurutonde rwabari imbere mubahabwa amahigwe menshi yo gutahukana Ballon d’or yuyu mwaka ,aha hamwe yoyitahukana ikaba izoca igira iya 4 atahukanye kuva yatangura gukina umupira wamaguru.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook

.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply