Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mugihugu ca Espagne abakinyi bari mu mirwi isanzwe irabana ayingwe ,ndetse benshi bakunze kwita imirwi y’abakeba ,abakinyi bari muriyo mirwi batanguye guterana amajambo.

Aba bariko baraterana amajambo ni Cristiano Ronaldo umukinyi w’imbere wa Real Madrid akongera akaba n’umwe mubafatwa  nk’intwari mu murwi wa Real Madrid ,aya majambo ariko arayaterana  na Gerard Pique asanzwe ari umukinyi w’inyuma wa Fc Barcelona na Alves nawe asanzwe  nawe akina kuruhande rw’inyuma mu murwi wa Fc Barcelona.

Ibi bibaye inyuma yo gutanga umupira w’inzahabu (Ballon d’or)aho Cristiano Ronaldo yaje kukibanza cakabiri akurikiye Messi ,ariko aba babiri (Pique na Alves ) bakaba barateye ivyatsi cane uko ayo matora yagenze kuko kuruhande rwabo bamenyesheje ko Cristiano atari umukinyi akwiye kuza imbere ya Neymar muvyumupira w’amaguru kuko imyaka yiwe y’umupira w’amaguru yamaze guhera.

Mumajambo yabo bagize ngo:”Ronaldo ntiyarakwiye no kuza muri Batatu bambere kw’isi kuko umupira wiwe wamaze guhera ubu ataco agishoboye

Bagitangaza aya majambo Cristiano Ronaldo yihuse kubishura aho nawe yaciye abishura muraya majambo akurikira”Kuvuga Cristiano Ronaldo ,biraryoha cane kandi n’ibisanzwe kubakinyi nka Pique na Alves kuko iyo bavuze benayo majambo bukeye baca bisanga mubinyamakuru ,kuko atakindi cotuma bavugwa atari izina ryanje”

Tubibutse ko aba bakinyi ukwari batatu atari ubwambere bateranye amajambo ,kuko kenshi bama baterana amajambo ,ariko Cristiano Ronaldo akabagiriza ko babivuga kugira babonereho kuvugwa cane mu bimenyesha makuru vyo kw’isi.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply