Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Cristiano Ronaldo ,umusatirizi w’ikipe ya Real Madrid akongera akaba na kizigenza w’ikipe y’igihugu ca Portugal yafashije bimwe bidasanzwe umurwi wiwe wa Real Madrid gushika mugice ca kimwe ca kabiri (1/2)c’inkino za UEFA Champions League.

Murukino rutoroshe nagato  rwo kwishura rwariko rurahuza umurwi wa Vfl WolfsBurg  wo mugihugu c’ubudagi ,wari waje kukibuga ca Real Madrid (Bernabeau ) witekereye Impamba y’ibitsindo 2 ,ikipe ya Real Madrid ibifashijwemwo na Cristiano Ronaldo yashoboye kwishura ibi bitsindo vyose ndetse inagirako itsinda n’ikindi co gusezerera  Vfl WolfsBurg mu mahiganwa ya EUFA Champions League.

Ibi bitsindo vyose kwari 3 vy’umurwi wa Real Madrid vyinjijwe na Cristiano Ronaldo ,umwe mubafatwa nkumukinyi adasanzwe kw’isi yose muriki kinjana.

Cristiano  Ronaldo akaba yinjije ibitsindo bibiri mu minota 20 y’igice cambere mugihe ikindi ca gatatu yacinjije mu gice ca kabiri c’urukino

Cristiano agiheza gutsinda igitsindo ca kabiri ariko aracishimira na mugenziwe Marcelo

Cristiano agiheza gutsinda igitsindo ca kabiri ariko aracishimira na mugenziwe Marcelo

Ibi bitsindo 3 vya Cristiano Ronaldo biciye bituma anganya incuro na mukeba wiwe Lionel Messi ,z’umukinyi amaze kwinziza ibitsindo 3 incuro nyishi murukino rumwe  ndetse bica bimushira imbere mubakinyi bafise ibitsindo vyinshi muri UEFA champion League uyumwaka.

Abakinyi ba Real Madrid bishimiye igitsindo ca gatatu ca Ronaldo

Abakinyi ba Real Madrid bishimiye igitsindo ca gatatu ca Ronaldo

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino

Leave a Reply