Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Cristiano Ronaldo  umukinyi akomoka mugihugu ca Portugal akongera akaba umusatirizi akomeye w’ikipe ya Real Madrid ,imwe muma kipe yambere ifise amahera  menshi kw’isi ,yaguze indege yiwe bwite yakataraboneka.

Iyi ndege ya Cristiano Ronaldo iri mubwoko bwa ” GULFSTREAM G-200 bi-moteur ” iyi ndege ikaba ihagaze mumafaranga yamanyaburaya ashika kuri  19M€ (ayababa nka 60 milliards mumafaranga yamarundi)

Iyi ndege ya Cristiano Ronaldo ntisanzwe kuko ikoranye ubuhinga bwa none ndetse ifise n’ivyankenerwa vyose indani yayo,aho twovuga nka :ubwogero,aho kwambarira ,igikoni .

Iyi ndege ya Cristiano Ronaldo izoba ifise n’ibindi bintu bizoyituma iba nziza kandi bimufashe mugihe azoba ari mungendo ziwe kuko muriyi ndege abazoba barimwo bazoshobora gukoresha ubuhinga bwa none nka Internet ,iterefone ,kuraba ama reresi hamwe n’ibindi.
Iyi ndege ya Cristiano Ronaldo ngo izoba kandi ifise ubushobozi bwo gutwara abantu bagera hagati ya 8 na 10 hatarimwo abayitwaye.

Cristiano Ronaldo akaba aguze iyi ndege inyuma y’imisi mike cane asize hanze ireresi yiwe yambere aheruka gukina yerekana ubuzima bwiwe abayemwo hamwe n’ubwo yaciyemwo muri kahise.

Raba hasi amafoto y’indege nshasha ya Cristiano Ronaldo

12235050_1709728692593216_1174387018300754806_n 12227707_1709729269259825_7918478009326235955_n


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply