Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abasirikare bajejwe kugarukana amahoro n’umutekano muburasira zuba bwa CONGO ,bifashishije ibigwanisho vyabo mukurasa mu kirere kugira batandukanye abanyagihugu bari bagiye  gutana mu mitwe bamwe bafise imipanga mugihe abandi bari bafise inkoho.

Nkuko vyashikirije nabajejwe gutanga amakuru muri Monusco ,mu gace ko muburasira zuba bwa Congo ,iyo migwano yubwoko bubiri busanzwe butumvikana yarigiye kubera mugice ca Luofo mu buraruko bwa Kivu aho hari hagiye gutana mu mitwe abo mu bwoko bwa ba HUTU hamwe no mu bwoko bwaba NANDE.

Naho abo bajejwe umutekano basutsemwo mabisi ubu bwoko bubiri busanzwe burabana ayingwe ngo bwoba bwakozanijeko ikiringo c’umwanya muto ndetse biza gutuma hapfa abashika batandatu .

Umukuru w’intara ya LUBERO imwe mu ntara zisanzwe zihana urubibe n’igihugu ca Uganda amenyesha ko aya moko abiri akunda gucanamwo kuko bamwe bose bagiriza abandi kwica abo mu bwoko bwabo.

 

12644826_971546439602988_1128793950247106413_n

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply