Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumusi wa gatandatu  28 munyonyo mumasaha y’ijoro ,Umusirikare mukuru mugisoda c’uBurundi yarakomerekeye mugitero cagizwe nabantu bitwaje ibirwanisho  ,uyu musirikare wo muntwazangabo z’uBurundi yarashwe mugihe yariko arava mu ntara ya Bujumbura rural aja mugisagara ca Bujumbura kumurwa mukuru w’uBurundi.

Nkuko vyabandanije vyemezwa n’umwe mubegereye uwo musirikare ,uwo musirikare wo kurwego rwo hejuru yamenyekanye nka Colonel Serges Kabanyura .

Colonel Serges Kabanyura  asanzwe arumwe mubatwara ibirindiro vyabasirikare mu Ntara zitandukanye na cane cane mu ntara zo muburasira zuba bw’uBurundi.

Inyuma yiki gitero umwe mubasirikare bakomerekeye muriki gitero cagabwe n’abantu bitwaje ibirwanisho yamenyesheje ko ,mugihe bariko baraza bagana iBujumbura  bashitse  mugice ca Mugongo manga mu ntara ya Bujumbura rural , abantu 5 bitwaje ibirwanisho  banambaye impuzu zagisirikare babategereye bakabamijagiramwo amasasu .

Inyuma yo kubarasa nabo ngo ntibatevye kubishura ,kuko ngo haciye haba ukurasana ,hagati yabo bose munyuma abo bateze umutego bagaca baza kwirukira mumashamba yari yegereye ngaho bari bategeye uwo mutego.

Uyu musoda yabandanije yemeza ko mubo bari kumwe hakomeretsemwo abashika kuru batanu (5) ubu bakaba bariko baravurigwa mubitaro vyabasirikare mu kamenge.

Kurundi ruhande hari amakuru  abandanya yemeza ko inyuma yo gutegwa umutego n’abo bitwaje ibirwanisho , naho Colonel Serges Kabanyura ariwe yariko araronderwa ahanini ,yarashoboye kurokoka ararusimba ariko bikaba bivugwa ko yakomeretse mugihe mubari   bamucungiye ubuzima ,umwe yaciye  ahasize agatwe.

Tubibutse ko Colonel Serges Kabanyura  yahoze  ari mubagendanira akongera akaba mubacunga umutekano w’umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza mu myaka yaheze .


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply