Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Colonel Jules Ndihokubwayo yari yagenwe kuba umwe mubarongozi b’umurwi mushasha(FOREBU)  wiyemeje kurwanya hakoreshejwe umuheto Petero Nkurunziza ,yihakanye ayo mabanga yahawe n’uwo murwi w’igisirikare mushasha .

Nkuko vyari mu rwandiko umurwi FOREBU uheruka gusohora kw’igenekerezo rya 21 nzero 2016 ,abagize inzego zuwo murwi babicishije kumuvugizi wabo Gen Nibigira Edouard yamenyesheje abarundi n’amakungu abarongozi bashasha bumurwi wa FOREBU ,aho benshi mu baje kurugwo rutonde arabahoze mu mabanga y’igisirikare c’uBurundi.

Umwe mubari bahawe amabanga akomeye ariwe ,Colonel Jules NDIHOKUBWAYO yari yagizwe umukuru w’ibiro bikuru vyuwo muhari(FOREBU) ,yiyamirije ayo mabanga yahawe n’uwo murwi wa FOREBU ndetse amenyesha kwakiri mu nzego z’igisirikare zigihugu c’uBurundi.

Colonel Jules Ndihokubwayo

Colonel Jules Ndihokubwayo

Colonel Jules  Ndihokubwayo yabariye itangaza makuru ko ivyashikirijwe nuwo murwi wa FOREBU ataco abiziko kandi ko biri kugatwe kabo ndetse ngo katamigenderanire asanzwe afitanye na Gen Godedroid Niyombare vyavuzwe kwariwe akuriye uwo murwi wa FOREBU.

Tubibutse ko Colonel Jules  Ndihokubwayo asanzwe ari mu ntwaza ngabo zarungitswe hanze y’igihugu  mubikorwa vyo kubungabunga amahoro n’umutekano ,Col Jules Ndihokubwayo asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mugihugu ca Kenya.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply