Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igitero cabereye kumakambi abiri y’igisirikare asanzwe aherereye mugisagara ca Bujumbura umuvugizi w’igisirikare c’uBurundi bwana Colonel Gaspard Baratuza yashikirije ivyononekariye murico gitero yongera avuga ago ibintu bigeze.

Mukiganiro bwana colonel Gaspard Baratuza yagirishije  kunsamirizi hamwe n’imbonesha kure y’igihugu ,yamenyesheje ko mubari bagavye igitero kumakambi y’abasirikare  mw’ijoro ryo kuruyu wakane igenekerezo rya 10 kigarama 2015 ko abashika kuri 12 aribo bahasize agatwe  mugihe abandi bashika kuri 21 bafashwe n’inzego zijejwe umutekano.

Gaspal Baratuza yabandanije amenyesha ko ugutana mumitwe gukomeye kwabereye mumazone abiri asanzwe aranga igisagara ca Bujumbura ,aho akaba ari Zone ngagara isanzwe ikukira muri komine ya Ntahangwa hamwe na Musaga isanzwe ikukira muri komine ya Muha.

Amakuru yabandanije atangwa na Baratuza yemeza neza ko abagize ico gitero bari bafise intumbero yo kwiba ibirwanisho murayo makambi yatewe muriryo joro .

Kurundi ruhande hari amakuru yabandanije avuga ko abateye bari bafise intumbero yo kuja kwibohero rikuru (Mpimba ) gutorokesha abanyororo bahapfungiwe.

Ibi bitero bikaba vyatumye ibikorwa bihagarara mugisagara ca Bujumbura na cane cane mugisagara hagati ahasanzwe hazwi nka Centre Ville,ariko mumasaha y’iteye yumuhingamo hakaba hasubiye kwibonekeza abantu mugisagara ntaho atari benshi.

Iki gitero kikaba cari catanguye mumasaha yo mw’ijoro ryo kuwakane igenekerezo rya 10 kigarama 2015 mumasaha yiteye yijoro kuva mumasakumi y’ijoro.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply