Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umunani  CNARED usanzwe rurongowe na Leonard Nyangoma ,rusanzwe narwo ruvuga ko rurongoye igihugu ariko rubikorera hanze y’igihugu c’uBurundi rwoba rwatanguye gucanamwo hagati yaryo.

Uru runani rugitangura ,rwakorana cane  na Richard Ciramunda umwe mubamenyesha makuru asanzwe afise Iradiyo hamwe n’ikinyamakuru Bujumbura News  bikorera hanze y’uBurundi ,ariko muriki gihe boba batanguye gucanamwo kuko batanguye kwitana ba mwana.

Nkuko tubikesha urubuga rwa Bujumbura NEWS,umukuru wico kimenyesha makuru yashikirije ko abarikumwe na Leonard Nyangoma muri CNARED ko boba bafise imigambi yo  kumwegeza kure kuburongozi bwa CNARED, ndetse n’amajwi y’umwe mubajejwe gushikiriza amakuru muri CNARED akaba yumvikanye avuga ko ikibazo gihagaze kuri Nyangoma ,ariko ko bariko bariga ukuntu bomukura.

Ibi bikiba urubuga rwa CNARED rwaciye rwihutira kubeshuza ibi vyanditswe nico kimenyesha makuru Bujumbura news,ahubwo gitangura kuvuga ko Richard Ciramunda ashaka gusambura urunani CNARED akoreshejwe n’ubutegetsi.

Raba hasi ivyo CNARED baciye bashikiriza

ri ri2

Ibi bikaba vashikirijwe nurubuga rwa CNARED kuri facebook mugihe mugenzi wabo bahora bakorana abafasha gushikiriza ivyiyumviro vyabo yari ahejeje kubagiriza ko bashaka gukura kuburongozi Leonard Nyangoma.

Umviriza amajwi yasizwe ahabona na Richard CIRAMUNDA

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Jackson NTUNZWENIMANa says:

    Ndi umunywanyi w’ikinyamakuru ngurukana bumenyi ariko sinkunda amakosa mukwandika (faute de frappe) akunze kuboneka munkuru nyinshi: kumbure mwandikana ukwihuta cane bigatuma mutaronka umwanya wo gukosora Ivyo muba muriko murandika.

Leave a Reply