Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

urunani rutavuga rumwe na Reta ya Petero Nkurunziza  CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi) rwasavye inama y’umutekano kw’isi kwihutira gushira mungiro ingongo y’ishirahamwe mpuzamakungu ya 2303 yo kurungika abasirikare mu Burundi vyhuta.

Ibi CNARED Giriteka yabisohoye mu rwandiko yasize ahabona inyuma yaho abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoreye urwandiko rwemeza ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko umwanya n’umwanya kubera amabi ariko arahabera.

Uku gusaba abasoda vyihuta CNARED ikaba yabishikirije mu ngingo yabo ya gatandatu aho yasavye iri shirihamwe mpuzamakungu rijejwe umutekao kw’isi gukoresha ingingo yabo ya 2303 kugira barungike abo basirikare vyihuta mu Burundi.

14425323_1465127496831517_1348944295518897164_o

Urwandiko rwa CNARED giriteka

Twobibutsa ko ingingo ya 2303 isanzwe ivuga ko inama nkuru y’umutekano kw’isi ishobora kurungika abasirikare mu gihugu carico cose mugihe bikenewe cane kandi kwataruhusha rw’ico gihugu ruba rugikenewe.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply