Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe amasaha y’ibiganiro ariko arasa naho aguma yicuma ,abazogenda bagiye guserukira imigabwe yabo babandanya baja ahabona.

Inyuma yaho urunani CNARED rushiriye kumugaragaro abantu bashika 14 bazoruserukira mubiganiro bigiye gutangura kuruyu wa mbere iKampala ,kurundi ruhande umugabwe CNDD FDD usanzwe uramutswa ubutegetsi nawo wamaze gushira hanze abagiye kuwuserukira murivyo biganiro ndetse bikaba binavugwa ko bamaze gufata indege berekeza mugihugu ca Uganda.

>>Kuruhande rw’umugabwe uri kubutegetsi CNDD FDD  harungitse aba bakurikira:

1:Ntakarutimana Joseph :Icegera cambere c’umugabwe CNDD FDD

2:Victor Burikukiye:Icegera ca kabiri ariwe mumugabwe CNDD FDD

3: Gelase Ndabirabe:Umuvugizi w’umugabwe CNDD FDD

4:Zénon Ndaruvukanye asanzwe ari umuhanuzi mukuru mubiro vy’umukuru w’igihugu akongera akaba muri  Conseil des Sages y’umugabwe CNDD FDD

5:Gloriose Berahino asanzwe arongoye abakenyezi mumugabwe CNDD FDD.

>>>>>Kuruhande rwa CNARED (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.) urunani rusanzwe rutavuga rumwe n’umugabwe uri kubutegetsi harungitswe aba bakurikira:

1. Hon. Léonard Nyangoma
2. Me François Nyamoya
3. Monsieur Onésime Nduwimana
4. Ambassadeur Félix Ndayisenga
5. Honorableb Bernard Busokoza
6. Hon. Alice Nzomukunda
7. Hon. Dr Jean Minani
8. Madame Marina Barampama
9. Ambassadeur Julien Nahayo
10. Hon. Sylvestre NTIBANTUNGANYA

11. Hon. Domitien NDAYIZEYE
12. Hon. Jean Baptiste BAGAZA
13. Hon. Léonce NGENDAKUMANA
14. Hon. Fréderic BAMVUGINYUMVIRA

Kuruhande rwa reta hakaba harungitswe abashikiranganjo babiri aho hagiye Alain Aime nyamitwe asanzwe ari umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi hamwe nayandi makungu ,hongera hanarungikwa na bwana Barandagiye Pascal umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu.

Tubibutse ko impande zose zizoba zaserukiwe kuruwu wambere ,ndetse nabo kuyindi migabwe nkabo kwa Agathon Rwasa hamwe n’indi isanzwe iri muri reta nabo biravugwa ko bajanye nabo bandi muntumbero zo gutanguza ibiganiro kumusi wa mbere itariki 28 kigarama iKampala.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply