Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe iyicwa ry’ababikira batatu  babataliyano bagandaguriwe mu Kamenge kw’ishengero rya Paroisse Maria Conforti  mu kwezi kwi cenda mu mwaka wa 2014 ryabandanije ribamwo igipfungu cinshi ,hakaguma herekanwa hongera havugwa aboba bakoze ubwo bubisha haba kunzego zijejwe umutekano canke mu maradiyo yigenga nka RPA ,hongeye koboneka  uwundi muntu agira gatatu yiyemerera ko ari mubishe abo babikira batatu babataliyano.

Uyu yabonetse kuyindi ncuro inyuma y’umwaka n’igice aba babikira bagandaguwe ni Clovis Kwizera benshi basanzwe batazira Desire akaba amaze igihe mu maboko y’inzego zijejwe umutekano z’uBurundi ndetse akaba yiyemereye imbere yabanditsi n’abamenyesha makuru ko yari mubishe ababikira batatu babataliyano bakorera mu kamenge.

Clovis Kwizera yabandanije amenyesha ko hari bamwe mubari bajejwe inzego z’umutekano babafashije gukora ico gikorwa co kurangura uwo mugambi wabo.

Kuruhande rwa Clovis Kwizera wewe yiyemereye kwariwe yiyiciye umwe murabo babikira batatu ndetse wewe ngo akaba yarafise utegeko ryo kwica uwitwa Olga.

Clovis Kwizera yabandanije amenyesha ko ibi bikorwa vy’ububisha babikora babitumwe n’umwe mubanyepolitike babarundi basanzwe bari hanze y’igihugu kugira abasanzwe bafasha uBurundi babakureko icizere.

Ibi rero bikaba vyatangaje abatari bake kuko uyu Clovis Kwizera abaye umuntu agira uwagatatu yerekanwe n’inzego zijejwe umutekano z’uBurundi zemeza kwariwe yishe abo babibira babataliyano bakorera kw’ishengero rya Paroisse Maria Conforti mu Kamenge.

Umviriza amajwi ya  Clovis Kwizera musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

One Response so far.

  1. HHHHH says:

    nimugende hiyo !!mwebwe muguma muhenda abanyagihugu !!imana niyo izi vyose nago abafunze urya muryayi Butoyi nibishure umuryango wiwe ibyakarenganyo bamugiriye kdi ariko arazira ubusa!! EREGA MUBA MUBIZI AVUZE ABO HANZE KUGIRA NABO ABAMBIKE IBARA KUKO BATAVUGA RUMWE N’UBUTEGETSI!1

Leave a Reply