Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu ntara ya Cibitoke imwe mu ntara isanzwe iherereye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ,abanyagihugu bihaniye abantu babiri bari bamaze imisi bikekwako ubusuma.

Aba basuma babiri  bafashwe kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 20 ndamukiza ariko guca batangura gukubitwa n’abanyagihugu bo muri zone kigeregere commune ya rugombo mu ntara ya cibitoke.

Abasanzwe barongoye zone wa Kigeregere bakaba baciye bafata abantu   kubera ukwihanira hamwe no guturira amazu yabo bafashwe bazira kwari abasuma

Uwurongoye zone ya rugeregere yamenyeje ko aba bafashwe  kumvo z’amatohoza hamwe no guca bahitamwo ukwihanira inyuma yo gufata aba basuma bakekwako kwiba .
Abanyagihugu n’agashavu kenshi bavugako babikoze kubera ataco bari bakitungana ,ngo niyo bizirikiye agahene basanga kagiye.

Uwurongoye zone ya rugeregere amenyeshako ishavu ryabo ryumvikana kuko inkozi zikibi zama zifatwa zikaca zirekugwa inyuma y’umusi umwe canke ibiri ariko rero yongera akavugako batokwemerako bihanira kandi aremezako abo bagabo baribasanzwe bazwi kari abasuma.


Categories: Amakuru, umutekano

Leave a Reply