Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu ntara ya Cibitoke iri mu burengo bushira uburaruko bw’uBurundi ,umugabo yakoze urudandazwa rutari rumenyerewe mu Burundi ,aho yikoze kumugore wiwe amushira kwi soko kugira arabe ko yoronka amahera yo gutunga abana bari basanzwe baravyaranye n’uwo mukenyezi.

Iri bara ryabereye kumutumba wa  Nyarurinzi muri  zone ya Buhayira ,ikomine ya Murwi mu Ntara ya  Cibitoke .

Uyu mugabo yikoze ku mugore wiwe kugira ashobore kuronka amahera yomufasha kubaho n’abana biwe babiri bari baravyaranye n’uyu mugore yamenyekanye nka NTARUGIRUMWE Celestin ,akaba ariwe yari  yemeye  kugurisha  umukenyezi wiwe bari bamaranye igihe kirenga imyaka 4 babana ndetse bamaze no kuvyarana abana 2.

Nkuko amakuru ava mu Ntara ya CIBITOKE abandanya avyemeza ngo ,uyu mugabo NTARUGIRUMWE Celestin yari yemeye gutanga umugore wiwe azwi nka NTAHONDEREYE Stephanie kumahera yamarundi ashika bihumbi ijana (100.000FBU)aya akaba angana n’amafaranga yamanyamerika $35 gusa.

Kuruhande rwa  NTARUGIRUMWE Celestin ntahakana na gato ico caha co gushaka kugurisha   umugore bari basanzwe bubakanye mbere bamaze no kuvyarana abana  babiri ,gusa NTARUGIRUMWE Celestin yamenyesheje ko intandaro yo gushaka kugrisha umugore wiwe kwari gushaka amahera yo gutunga abana 2 bari baravyaranye n’uwo mukenyezi kubera inzara n’ubukene vyari bibamereye nabi.

NTARUGIRUMWE Celestin akimara gutora amahera yagurishijemwo umukenyezi wiwe ,uwamuguze yashatse kugenda atahanye uwo mukenyezi ariko biba ivyubusa kuko NTAHONDEREYE Stephanie yase gukurikira uwo mugabo yaje amubwira ko yamuguze ,ibi bikaba vyaciye bituma NTAHONDEREYE Stephanie   yihuta gutabaza abajejwe umutekano kuruwo mutumba kugira bamukure imbere yako kamaramaza.

Iki gikorwa rero kigayitse ca  NTARUGIRUMWE Celestin nticagenze nkuko yacipfuza kuko abajejwe umutekano baciye bamuta muri yompi ,ubu akaba apfungiwe mu gasho kinyamira mabi ka komine ya Murwi.

Umviriza musi amajwi yingene NTARUGIRUMWE Celestin yagurishije umukenyezi wiwe NTAHONDEREYE Stephanie

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook bikworoheye


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Urukundo

Leave a Reply