Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abaganga badasanzwe bo kubitaro vya  Xi’an bihereye mu ntara ya Shaanxi iri muburaruko bushira uburengero bw’igihugu  c’ubushinwa ,bakoze igikorwa kidasanzwe aho bafashije umugabo yarasanzwe afise amatwi atacumva kumva kandi babanze gukora igikorwa kidasanzwe co kumushira ugutwi ku kuboko.

Nkuko ikinyamakuru co mu bushinwa cabibenyesheje uwari yacitse ugutwi yamenyekanye nka  Ji chang ,aho yaheruka gutakaza ugutwi bivuye mw’isanganya ry’imodoka  yaheruka kugira.

Iki gikorwa rero co gutera ugutwi ku kuboko kukabandanya gukora gisa nicatangaje abantu benshi harimwo nabanyagihugu bo mu bushinwa nyene.
14956435_10154781291389759_5461594069011011596_n
Gusa naho benshi batavyiyumvisha uko ico gikorwa cagenze ningene cakunze  , muganga (Doctor) Guo Shuzhong ,arongoye ivuriro  rya Xi’an akaba numwe mubari barongoye ico gikorwa  yamenyesheje ko bashitse kuntabwe idasanzwe kandi kuwo bakoreye ico gikorwa ubu yumva atangorane nimwe afise.
Guo Shuzhong yabandanje amenyesha ko uku gutwi gushasha baguteye kukuboko bakoresheje inyama bagiye barakata kumbavu zuyu mugabo yaragwaye.
14938222_10154781291299759_608672942055949930_n

Leave a Reply