Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 igiye guhindurwamwo inzu y’uburiro (restaurent)mugihugu c’uBushinwa(chine)

Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru c’imboneshakure ya CCTV yo migihugu c’uBushinwa (Chine),iyi ndege yaguzwe n’umucuruza yahora acuruza mu mazu y’uburiro mugice ca Wuhan,mu ntara ya Hubei isanzwe iherereye mu bumanuko bw’ubuseruko bw’igihugu ca Chine ,kugira ahige ingene yokwigarurira abakiriya benshi bashoboka akoresheje iyo ndege yo mubwoko bwa Boeing 737.

Uyu mugabo yamenyekanye nka Juan yemeye gushira amahera agera kuri (5.3 million US dollars)kurico gikorwa c’ubwo buriro bwiwe gusa mukugura iyo ndege yari yarahagaritse gukoreshwa yari sanzwe inakukira company yo mu gihugu  ca Indonesia.

12768161_1146894498684702_8729595771402374652_o

Indege ya Boeing 737 Bariko barayitunganya neza kugira izocike uburiro

Juan afise icizere cishi cane ko abakirarugendo bazitabira cane ico gikorwa ciwe ni raburya ariwe azoba abaye uwambere abikoze murico gicegikunda kubarizwamwo abakirarugendo benshi cane.

Juan abandanya amenyesha ko ubwo buriro bwiwe buzoba bufise imikorere imwe niyirangwa mu ndege kugira abantu bazoba barimwo bazoze biyumva nkuko boba bari mu ndege.

Iyi nzu yuburiro ikaba itegekanijwe kwugurura mu kwezi kwa mukakakaro muruyu mwaka nyene(2016)ndetse ikazoba ibaye inzu yambere y’uburiro ikozwe mu Ndege ikaja mugisagara hagati.

 


Leave a Reply