Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi  wa Chelsea umwe mu mirwi usanzwe ukomeye cane mw’irushanwa ry’umupira wamaguru mu Bwongereza hamwe no kw’isi yose uhejejje kunyagira umurwi wa Manchester City ibitsindo bitanu kuri kimwe mugikombe ca England FA Cup.

Uru rukuino rwabereye kukibuga ca Stamford Bridge ,ikibuga c’umurwi wa Chelsea .

Umurwi wa Chelsea wakoze ibishoboka vyose kugira unezereze abakunzi bawo wongere unabibagize urukino baheruka gucindwamwo kumusi wa Gatatu uheze n’umurwi wa Paris Saint Germain munkino za Champion League .

Umurwi wa Chelsea watanguye uru rukino urondera intsinzi cane ,ndetse uca utangura kubona igitsindo cawo mu gice c’ambere c’urukino aho umusatiriza wabo Diego Costa yaciye ashiramwo igitsindo cambere kumunota wa 35 w’urukino.

Iki gitsindo ,coroheye kwishura cane umurwi wa Manchester City kuko inyuma yiminota ibiri gusa umukinyi Faupala wa Manchester City yaciye agombora iki gitsindo binatuma izi kipe zose zija kuruhuka zinganya kimwe kukindi kumpande zose.

Urutonde rwose rwabakinyi ba chelsea bose batsinze

Urutonde rwose rwabakinyi ba chelsea bose batsinze

Mugice ca kabiri c’urukino,umurwi wa Chelsea waje wariye amavubi ndetse ushobora kubonamwo ibitsindo bishika kuri bine(4) .

Ibi bitsindo vy’umurwi wa Chelsea bibaka vyinjijwe na:William kumunota wa 48,Cahill kumunota wa 53,Hazard kumunota wa 67 na Traore kumunota wa 89.

Uru rukino rukaba rwaheze aritsinzi y’umurwi wa Chelsea ,ariko iyi ntsinzi ikaba itatangaje benshi kubera umumenyereza wa Manchester City yari yatanguje mukibuga abakinyi basanzwe basubirira abandi mugihe abari basanzwe batangura mukibuga vyavuzwe ko boba babikiwe urukino ruzobahuza na Dynano Kyiv muri Champion League kw’itariki 24 ruhuhuma 2016.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply