Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi wo mu bwongereza Liester City uhejeje gutangaza abantu benshi aho uhejeje gutwara igikombe ca Championa yo mu bwongereza (Champion of Barclays Premier League)kuncuro yayo yambere kuva yatangura gukina umupira wamaguru.

Liester City yarusha amanota 7  umurwi wayikurikira Tottenham ,mugihe hari hasigaye inkino zirimwo amanota 9 ,bisigura ko mugihe Liester City yotsinzwe imikono yose isigaje naho Tottenham ikabandanya itsinda ko ,Liester City yari kuba ibuze amahigwe yo gutwara iki gikombe kuncuro yayo yambere.

Urubanza rero hagati yiyi mirwi ibiri rwaje gucibwa n’umurwi wa Chelsea mugihe bariko barakina na Tottenham ,aho Chelsea yakinanye ishaka ryose kugira ishobore kunganya uru rukino rwariko rurabahuza na Tottenham ,ivyaciye binatuma umurwi wa Tottenham ubura amahigwe yose yo kubandanya uhiganirwa iki gikombe .

Liester City rero ikaba itwaye iki gikombe inyuma y’umwaka umwe gusa bavuye mucicaro ca kabiri mumarushanwa y’ubwongereza nyene.

bamwe mu bakinyi ba Liester city n'umumenyereza wawo

bamwe mu bakinyi ba Liester city n’umumenyereza wawo

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply