Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’umugabwe UPRONA utemewe n’amategeko y’uBurundi ,akongera akaba umwe mubagize urunani rwihaye gukingira amasezerano ya Arusha hamwe no guharanira ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi,yamenyesheje ko hamwe umukuru w’igihugu c’uBurundi yobandanya anana kuja mu biganiro bihuza bose kwatakabuza ko bashobora kwiyambaza ibigwanisho.

Mu majambo bwana Charles Nditije yashikirije arikumwe n’abagenziwe bo murunani CNARED Giriteka yashimikiye ahanini kukunana kwabari kubutegetsi mu Burundi kugira ibiganiro ntibibe ndetse abasaba ko bategerezwa gukoresha ibishoboka vyose kugira bagondoze Petero Nkurunziza aje mu Biganiro bihuza bose.

Charles Nditije yagize ati:”Hari uwavuze ngo nigute twozana Petero Nkurunziza mu Biganiro ?Ntazopfa aje !n’ivyo dutegerezwa gukoresha inguvu turi hamwe !Dufata amabuye ,dufata ibigwanisho birashoboka navyo nyene kuko umugambi wiwe biraboneka kwataruwo kuja mu biganiro nabo batavuga rumwe ,dutegerezwa gukoresha inguvu zose akemera ibiganiro ,kuko n’inguvu gusa zizotuma agira ati reka ntume nomoka canke nemere kuganira ariko nca ngenda”

Umviriza Charles Nditije mu majwi ngaho musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply