Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe abanyagihugu bo mu Ntara ya Cibitoke na cane cane abo mu makomine ya Buganda na Rugombo ubwoba ni bwinshi  kubera ubwinshi bwabasirikare ba MONUSCO, abasirikare bajejwe ukubungabunga amahoro n’unutekano ( mu gihugu ca RDC ,Charles Bambara yatanzwe umuco kurabo basirikare bibonekeza kunkengera z’umupaka w’uBurundi na RDC.

Charles Bambara asanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mu basirikare mpuzamakungu MONUSCO yatanze umuco kugikorwa abasirikare ba MONUSCO bariko barakora ngaho kunkengera z’umupaka w’uBurundi na CONGO.

12646999_1553483891639027_1337478126266360270_n

Abasoda ba MONUSCO kumupaka w’uBurundi

Charles Bambara yamenyesheje ko abasirikare ba MONUSCO baboneka murico gice ko bahari kubera muriyi misi mu gice ca CONGO gisanzwe cegereye uBurundi haboneka abarwanyi benshi cane aho rero bakaba batinya ko hashobora kwaduka imirwano umwanya n’umwanya.

Charles Bambara  yabandanije amenyesha ko intumbero nyamukuru  yabo basirikare  ba MONUSCO  kwari ugukingira abanyagihugu mugihe hoba hadutse ingwano.

Umviriza mu majwi Charles Bambara

Kubwa  Joseph ITERITEKA asanzwe arongoye intara ya Cibitoke wewe asanga ivyo MUNUSCO yakoze arigikorwa gusanzwe kiri mukazi kabo kamisi yose ahubwo kwabanyagihugu bakwiye gutekana,bakirinda ivyo vyose vyoza bibacanishamwo canke bibatera ubwoba.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply