Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umwe mubaririmvyi babarundi azwi nkw’izina rya Cédric Bangy ,benshi batazira Ronaldo yasabiye ikigwongwe inyandiko yaramaze imisi ashira kuri facebook zari zanatumwe atabwa muri yompi.

Nkuko vyari vyavuzwe agifatwa  Cédric Bangy yari yafashwe n’inzego z’iperereza ryo mugisagara ca Bujumbura mu kwezi kwa nzero igenekerezo rya 27 -2016,aho yafashwe  kubera amajambo yakunda kwandika kurukuta rwiwe rwa  Facebook aho yagizijwe ugutyoza umukuru w’igihugu hamwe n’igihugu.

Kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 16 ruhuma 2016 niho Cédric Bangy yarekurwa ,inyuma y’indwi zirenga zitatu apfungiwe mw’iperereza ryo gisagara ca Bujumbura.

Inyuma yo kurekurwa akaba yaciye acisha ubutumwa kurukuta rwiwe rwa Facebook aho yasavye ikirwongwe kumajambo mabi yoba yaranditse kubarongozi bu Burundi hamwe n’igihugu muri Rusangi.

Cédric Bangy akaba yabandanije asaba bagenziwe gukunda igihugu ,ndetse anahamagarira abandi kwirinda kwandika ibicafuza igihugu canke batyoza inzego z’igihugu.

Cédric Bangy kw'ifoto

Cédric Bangy kw’ifoto

Mumajambo ya Cédric Bangy akaba yagize ngo”

 

“Imana ni nkuru kuko kuruno musi wo hejuru wa kabiri le 16 Février 2016 à 15h nidegemvya ndashimiye abitanze batiziganya kugirango nshobore gusubizwa umwidegemvyo, ndashimiye ubwira n’ubwitonzi bwabari bamfashe, nkanabashimira kuk’ukuntu igikorwa c’amatohoza kuvyo nanditse kuri facebook cagenze ,ndashimiye vy’imvamutima imbabazi n’impuhwe vyaranze abarongozi b’iperereza ry’Uburundi. BAGENZI NKUNDA CANE DUKUNDE IGIHUGU CACU UBURUNDI, TWIRINDE ICO COSE TWOKWANDIKA TUGICAFUZA CANKE GUTYOZA INZEGO .NB:ndasavye imbabazi kuma publication yose nanditse atahesheje agaciro igihugu canje n’inzego zirongoye UBURUNDI bwa ba sokuru naba sokuruza bacu. NIHARAMBE IMANA NIHARAMBE UBURUNDI N’ABARUNDI……. NDIDEGEMVYA. Ronaldo Cédric Bangy ( iyi foto ndayifotoye juste nkishika muhira) MURAKOZE”

Tubibutse ko Cédric Bangy yahoze ari mu baririmvyi babarizwa mumugabwe wa CNDD FDD ndetse akaba yaranaririmvye zimwe mu ndirimbo zihayagiza uwo mugabwe wa CNDD FDD mu myaka yahera.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply