Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umuririmvyi Yoya Jamal ubu abarizwa kumugabane w’iburayi yasize hanze akaririmbo kiwe gashasha gafise ubutumwa bunyuranye n’ivyo yarasanzwe aririmba. Naho Benshi bari bamenyereye kumva  Yoya Jamal aririmba indirimbo zijanye n’urukundo ,canke ubuzima bw’isi ,Yoya Jamal yasohoye ubwambere indirimbo ivuga kubijanye n’ inzoga hamwe nakaboregwe . Iyi ndirimbo ya Yoya Jamal yasize hanze n’indirimbo yamweho kuva kera ariko akaba yayihinyanyuye mu mudiho ugezweho. Umviriza Nkunda kuboregwa ya Yoya Jamal ngaho musi Fyonda ngaha ubandanye […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Big Fizzo azwi cane nkumwe mubaririmvyi bamaze kwubaka izina mu muziki w’uBurundi yasize hanze amajwi y’indirimbo yiwe yiswe Code 69. Gusa naho Big Fizzo yasize hanze iyi ndirimbo benshi babandanya bemeza ko iyi ndirimbo irimwo amajambo menshi atabereye . Umviriza amajwi y’indirimbo nshasha ya Big Fizzo ngaha musi Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Umuziki

Raba amasanamu mashasha y’indirimbo MAKWEREKWERE ya Lolilo aheruka gushira hanze .   . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Umuziki

Nimbona Jean Pierre Kidum benshi batazira Kibido canke Kibuganizo ,yerekanye urukundo akunda Donald Trump ,umwe mubahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu matora agiye kuba muruku kwezi kwa kigarama . Ibi Kidum yabikoze abicishije kuruhome rw’iwe rw’ingurukana bumenyi Facebook aho yashira ifoto asa kuri Facebook yiwe ,asa nayo yihinduye mw’ishusho rya Donald Trump ndetse yongeye n’amazina yuyu mugabo mu mazina yiwe . Iki gikorwa ca Kidum catangaje benshi […]

Categories: Burundi, Muhira, Umuziki

Mu marushanwa ya Africa Music Awards yo mu mwaka wa 2016,umuririmvyi w’umurundi benshi batazira Sat B yanamenyekanye cane mu Ndirimbo nka Satura ama bafle hamwe n’izindi nyishi zitandukanye yasizwe hamwe n’ibindi bihangange mu muziki wa Africa kugira barwanire agashimwe ka Africa Music Awards ko mu mwaka wa 2016. Abdoul Karum azwi nka Sat B yasizwe hamwe n’ibindi bihangange vyinshi mu muziki wa Afrika bava mu bihugu bitandukanye ariko mu gice barimwo ca […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Umuziki

Mugihe haheze igihe c’amezi abiri umuhisi Niganze Jean Bosco atabarutse ndetse abantu bakemeza ko uwo muririmvyi wo mu murwi wa Peace and Love yitavye Imana azize isanganya ry’imodoka mw’ijoro ryo kuwa  8 ruheshi/2016 ,uwari yaramubereye umuvyeyi akamurera kuva akiri muto wewe asanga ivyabaye kuri  atari isanganya ahubwo Bobo Niganze yaragandaguwe. Mumajambo Maggy barankitse yashikirije yagize ati”“barampekura banyicira bosco nari naramuzanye hama asubira inyuma ngo turi mpumyi ntaco bazotugira burundi” Ibi […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Umuziki

Inyuma yo gukora ibiteramo   bitandukanye mu Burundi atumiwe n’ubuserukizi bw’igihugu ca Kenya mu Burundi,Nimbona Jean Pierre benshi batazira Kidum yatanguye kurabana ayingwe nabamwe mubasanzwe batavuga rumwe na reta bamwagiriza gufasha reta . Mubutumwa Nimbona Jean Pierre yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook yatunze urutoke ahanini ,Bob Rgurika bivanye namwe mu majambo uyu yahoze atwara RPA yashikirije kubera Kidum yari yakoreye igiteramo mu Burundi. Amajambo Nimbona Jean Pierre Kidum yashikirije […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, Umuziki

Amasanamu y’indirimbo “Vimba Vimba” y’umurwi  3 hills ugizwe n’abasore 2 babanyarwanda hamwe n’umwe w’umurundi (HOPE IRAKOZE)bafadikanije na Nimbona Jean Pierre Kidum basize hanze amasanamu y’indirimbo yabo “Vimba Vimba” Raba amasanamu yiyo ndirimbo ngaho hasi ……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………. Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Mugihe hariko harategurwa ihiganwa rya Miss Burundi muruyu mwaka wa 2016 /2017,bamwe mubakobwa bazohiganirwa ico kibanza bamaze kumenyekana . Abamaze kuja ahabona n’abigeme 16 bose bakaba ari abarundikazi ,aba 16 bakaba batowe mugice ca 1/4 ca Final ya Miss Burundi 2016/2017. Inyuma yiki gikorwa co gushira ahabona abigeme 16 bageze mugice ca 1/4 canyuma hategekanijwe guca hashigwa ahabona abigeme bazoba bashitse mugice ca 1/2 ciri higanwa mu misi ya Vuba. Igice […]

Categories: Burundi, Ireresi, Umuziki, Urukundo

Jules Hungu Wembadio Pene Kikumba abenshi bazi kw’izina rya papa wemba yaraye yitavye Imana aho yafashwe bukumbi agahita yikubita hasi ari mw’isabukuru   rya Femua  ryariko ribera mu gihugu ca cote d’ivoire,ryari ryateguwe n’umurwi wa Magic System wo muri Cote d’ivoire. Papa Wemba akaba yari umwe mubaririmvyi badasanzwe bo muri RDC hamwe no muri Africa muri rusangi ndetse akaba yari yarasanzwe afise n’abakunzi benshi kumugabe w’iburayi nko mu Bufaransa hamwe n’ibindi […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Masterland ,azwi cane nk’umuhinyanyuzi w’indirimbo ariko akongera akaba n’umwe mubaririmvyi bo ngaha iwacu bavyifatamwo neza yashize mungiro isezerano yari yahaye abakunzi b’umuziki w’uBurundi hamwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe. Nkuko yaramaze igihe ivyemereye abanwanyi b’umuziki wiwe hamwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe ,Masterland yari yamenyesheje ko  mumisi mike cane agiye gushira hanze  amajwi hamwe n’amasanu vy’indirimbo yiwe nshasha “Sinzohinduka” Nkuko yari yabishikirije imvugo yajanye ningiro kuko inyuma yigihe gito cane amenyesheje ko iyi ndirimbo […]

Categories: Amakuru, Umuziki

Mugihe abanwanyi benshi b’umuziki w’uBurundi na cane cane abakunzi bumuririmvyi Yoya Jamal bari barindiranye igishika amasanamu y’indirimbo “Rukundo “ya Yoya Jamal,aya masanamu yamaze kuboneka. Nkuko biboneka murayo masanamu yiyi Ndirimbo ya Yoya Jamal biraboneka ko yakoze amasanmu atandukanye nayo yahora akora ndetse nabamaze kuraba aya masanamu bakaba bemeza ko aya masanamu agiye gutuma Yoya Jamal atangura umwaka w’umuziki wa 2016 neza kuko aya masanamu y’indirimbo yiwe biboneka kwakoranye ubuhinga n’ubwitonzi. […]

Categories: Amakuru, Umuziki

Mcmello ,umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki mugihugu ca Canada yamaze gushira hanze amashusho y’indirimbo yiwe yitwa “gushika basare” Aya masanamu yiyi  ndirimbo ya Mcmello akaba yasizwe ahabona inyuma yigihe gito cane Mcmello  yemereye abakunzi b’ibikorwa vyiwe  hamwe n’abakunzi b’umuziki ndundi ko agiye gushira hanze vyihuta amasanamu yiyo ndirimbo . Amasanu yiyi ndirimbo rero akaba yatanguye kuvugisha abantu benshi kubera umyimbarire y’umwigeme ari muriyo ndirimbo n’ingene aba ariko aratamba iyo […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Umwe mubaririmvyi babarundi azwi nkw’izina rya Cédric Bangy ,benshi batazira Ronaldo yasabiye ikigwongwe inyandiko yaramaze imisi ashira kuri facebook zari zanatumwe atabwa muri yompi. Nkuko vyari vyavuzwe agifatwa  Cédric Bangy yari yafashwe n’inzego z’iperereza ryo mugisagara ca Bujumbura mu kwezi kwa nzero igenekerezo rya 27 -2016,aho yafashwe  kubera amajambo yakunda kwandika kurukuta rwiwe rwa  Facebook aho yagizijwe ugutyoza umukuru w’igihugu hamwe n’igihugu. Kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 16 ruhuma 2016 […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Bosco Niganze batazira Bobo  hamwe na Vianney Nzigamasabo batazira Vichou Love bagize umurwi wa Peace and Love  bamaze gushira amasanamu y’ururirimbo rwabo hanze. Inyuma y’igihe kinini umurwi Peace and Love badasohora amashusho y’indirimbo zabo ,uyu murwi ugizwe n’abasore babiri babahinga cane mukuririmba mu majwi yabo bwite basohoye amasanamu yabo inyuma yimyaka igera kuri 10 badasohoye amasanamu(Video). Aya masanamu mashasha yuru  ruririmbo  rw’uyu murwi Peace and Love ashimikiye ahanini kubutumwa bw’amahoro no […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Inyuma yo kubona ko mukuru wiwe umuziki umutunze ndetse yabaye icamamare mukarere ka Africa y’uBuseruko kubera umuziki ,PeterMugani batazira Mugani Boy asanzwe ari mutoya wa Big fizzo agiye gukorana indirimbo na mukuru wiwe. Nkuko yabitangaje ,Peter Mugani yamenyesheje ko vuba cane bidatevye agiye gushira hanze indirimbo azoba yakoranye na Mukuru wiwe(Big Fizzo) iyo ndirimbo ikaba izosohoka yitwa” Forever” Nkuko vyatangajwe na Peter Mugani batazira Mugani Boy ,Iyi ndirimbo yabo izokorwa […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Inyuma yamasaha 48 gusa  Celine Dion abuze umugabo wiwe ,uwo bavukana nawe yitavye Imana Kumyaka 59 yamavuko ,Daniel Dion ,umwe mubavukanyi bumuririmvyikazi Céline Dion  yitavye Imana inyuma yamasaha 48 gusa uyu muririmvyikazi wigihangange kw’isi abuze umugabo wiwe bari bafitanye abana batatu. Uyu musazawe apfuye azize ingwara ya Cancer ,ndetse akaba arinayo ngwara yari yahitanye umugabo wiwe René Angélil. Céline Dion akaba agiye mugahinde n’umubabaro bidasanzwe na cane cane kwatari bwanahambe uyu […]

Categories: Amakuru, Mumakungu, Umuziki

Snowcay umwe mubaririmvyi babarundi asanzwe akorera umwuga w’iwe wo kururimba mugihugu c’uBushinwa(Chine )kubera ariho asanzwe akurikiranira ivyigwa vyiwe ,yatumenyesheje kwagiye gusohora urukurikirane rwiwe rwambere kuva yatangura kuririmba. Nkuko yabidutangarije Snowcay ,yatumenyesheje ko muruyu mwaka wa 2016 agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo zimwe zishika kuri 12.Urwo rukurikirane rwa Snowcay rukazosohoka kw’izina rya “KOMESHA”. Snowcay yabandanije atumenyesha ko izi ndirimbo 12 zizoba ziri kururu rukurikirane rwiwe(album)ko ruzoba rugigwe ahanini n’indirimbo z’umudiho wa […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Umuririmvyi Yoya Jamal afatwa nkumwe mubaririmvyi babigize umwuga mu Burundi ndetse anasanzwe afise abakunzi benshi bakunda umuziki wiwe yasohoye ururirimbo rwambere rwiwe rw’umwaka wa 2016. Uru ruririmbo rwa Yoya Jamal rusanzwe ari ururirimbo rw’urukundo nkuko asanzwe akunda kenshi kuririmba indirimbo z’urukundo,ndetse rukaba rwasohotse kw’izina rya “Rukondo” Umviriza aho hejuru ururirimbo Rukundo by  Yoya Jamal. ……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………… Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Imyaka itanu irarumanye neza umuhisi Jean-Christophe Matata,umwe mubafatwa nk’intwari mumuziki w’uBurundi yitavye Imana,None Jean-Christophe Matata yarumuntu nyabaki ? Jean-Christophe Matata  yavutse kw’igenekerezo rya 20 gitugutu mumwaka wa 1960 kubavyeyi babanyamahanga ariko murico gihe  baba mu Burundi ,nkuko abazi neza Jean-Christophe Matata. bemeza ko  se  wa Jean-Christophe Matata yari umukongomani (congolais)mugihe nyina wiwe yari umunyarwandakazi. Jean-Christophe Matata yari yavukiye mu Kamenge imwe muri kartiye(quartier) isanzwe iri muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura. Jean-Christophe Matata […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki