Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

  Inyuma y’inkuru ibandanya ivurwa mu Burundi ko abantu bane mu ndongozi z’umuhari FPB zabo zafatiwe mu gihugu kibanyi ca Tanzania bagaca bajanwa mu Burundi ,umuvugizi w’umuhari FPB bwana Col Adolphe Manirakiza, yemeje ayo makuru ko abantu babo bane bafatiwe mu gihugu ca Tanzania ariko agirako agabisha ico gihugu ngo hamwe cohirahira kigaha abo bantu babo igihugu c’uBurundi. Bwana  Col Adolphe Manirakiza akaba yamenyesheje ko hamwe igihugu ca Tanzania cohirahira kigaha […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Inyuma yo kugarukira  ku munwa  w’urupfu,arashwe n’umurwi witwaje ibigwanisho ,mugihe yaratashe muhira iwiwe mu Quartier ya Kajaga,Willy Nyamitwe yavuye mugacerere  yemeza kwataco yabaye ariko amenyesha ko yababajwe cane n’umu polisi yarasanzwe amucungera ubuzima yasize ubuzima murico Gitero. Mu majambo ya Willy Nyamtwe yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ,yashimiye abo bose bamufashe mu mugongo ariko amenyesha ko ababajwe cane n’umupolisi yamucungera ubuzima yaguye  murico gitero Willy Nyamitwe yagize ati”Je remercie […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Willy Nyamitwe, asanzwe ari ,Umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho  mugihe yaratahutse muhira iwiwe. Ibi vyabereye mu gisagara ca Bujumbura,aho Willy nyamitwe yaratashe iwiwe mu Kajaga aho asanzwe aba ariko kuca agwa mu mutego wabantu bitwaje ibigwanisho bakamucucagirako amasasu . uyu yariko araronderwa yaratashe iwe aho sanzwe aba ngaho nyene muri Quartier ya Kajaga. Amakuru ikinyamakuru cacu carose nuko ,uyu muhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Kuruyu wagatatu ,igenekerezo rya 23 munyonyo 2016,mu Ntara ya Makamba ibarizwa mu bumanuko bw’igihugu igiposi c’uBurundi cazindutse gifata ibikoresho vya gisirikare . Nkuko vyatangajwe n’inzego z’igipolisi  zo mu Ntara ya Makamba  zemeje ayo makuru ko zazazindutse zisaka ibirwanisho mu bice vya Mabanda hamwe na Kibago bigize iyo ntara . Igipolisi kikaba cahavuye cerekana bimwe mubirwanisho cafatiye murico gikorwa,aho cerekanye bimwe mubikoresho vya gisirikare cafatiye murico gikorwa. Muvyo igipolisi cerekanye kumugarago ko cafatiye muriyo ntara […]

Categories: Amakuru, Burundi, umutekano

Inyuma y’imisi 12 apfungiwe mu biro vy’iperereza biri mu gisagara ca Bujumbura ,OPC2 Desire Uwamahoro yahora arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kizwi nka (BAE : Brigade Anti-Emeute)yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mugisagara ca Bujumbuura muri Komine ya umusaga, Desire Uwamahoro akaba yashikanwe mwibohero kuruyu wa kane igenekerezo rya 10/11/2016. Kuja rero mumunyororo kwa Desire uwamahoro bisa nicigwa kidasanzwe kuko uyu mugabo benshi bari basigaye bita RAMBO mugisagara ca Bujumbura […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshingamateka y’uBurundi akongera akanaba umwe mubashingamateka batowe mu Ntara ya Ngozi ndetse akanaba umukuru w’umugabwe FNL ,ubwoba ni bwose ndetse yivugiye ubwiwe ko hariko harategeurwa kumujana mw’ibohero rikuru rya mpimba bitarenze igenekerezo rya 30 ruheshi 2016. Ibi Rwasa Agathon abimenyesheje inyuma yaho hari haheze imisi havugwa ko hoba hari umugambi wo gushaka kumugandagura ndetse bikaba  vyanatumye abasanzwe bamucungera ubuzima barikanura kubera bari bumvise uwo mugambi mubi […]

Inyuma y’igihe kitari gito  haguma hanugwanungwa ko umushingamateka yatowe mu Ntara ya Ngozi akaba n’uwusanzwe aserukira amizero y’abarundi hamwe n’umugabwe FNL kwashobora kugandagurwa kandi k’umutekano wiwe ushobora guhungabana umwanya n’umwanya n’umwanya  ,abasanzwe bacungera umutekano w’ubuzima bw’iwe  ubu ijisho ryacitse nkirya rugwe . Ibi vvyibonekeje inyuma yaho umushingamateka Agathon Rwasa aviriye murugendo rw’akazi mugihugu ca Namibia aho wabona neza ko abasanzwe bamucungera ubuzima bari barikanuye cane bisa nibitandukanye n’uko vyahora. Abasanzwe bacungera ubuzima […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Amasanganya y’imodoka abandanya aba ndanse mu gihugu c’uBurundi aho atamusi uhera hatavuzwe abahitanwe nayo masanganya canke ngo bakomeretswe n’izo sanganganya z’imodoka. Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 15 ruheshi 2016 hongeye kuba amasanganya abari mu ntara zo hagati mu gihugu aho aya masanganya yahitanye abantu babiri . Isanganya yambere yabereye muburaruko bw’igihugu mu Ntara ya Muinga muri Commune ya Giteranyi aho imdoka yo mu bwoko bwa Probox yi paraki IA 3970 […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Abasirikare babarundi basanzwe bari mugihugu ca Somalia mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano ukunda guhungabanwa n’umugwi w’iterabwoba Al Shabaab bakorewe mu ngata nabagenzi babo inyuma y’igihe c’umwaka bari mubutumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano. Nkuko vyama bikorwa uko ikiringo giheze ,abasanzwe bahejeje ikiringo cabo baragaruka mu Burundi hama bagasubirizwa abandi. Kuriyi ncuro ,abasirikare bari bahejeje igikorwa cabo co kugarukana amahoro n’umutekano muri Somalia n’intwazangabo  zishika 850 zo mw’ikambi ya gisirikare  ya […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Mw’iyindwi dusize inyuma umutekano warahungabanye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mugihugu binatuma abantu bashika kuri  15 bahasiga ubuzima mugihe abandi bagera kuri 10 bakomeretse bikomeye. Ku musi wa 1 w’indwi iheze ,imodoka yari itwaye intwazangabo y’ipeta rya  Général yacucagiweko amasasu ,ari navyo vyaje gutuma Général Kararuza Athanase n’umuryango wiwe bahasiga ubuzima hamwe n’umwe mubamucungerera ubuzima. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 ndamukiza imodoka y’ishirahamwe OTB yariko irava mu gisagara […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Abantu batatu barimwo abigisha babiri n’umudandaza nibo bapfungiwe mugasho k’igipolisi muri commune Gihanga muntara ya Bubanza umwe yagirizwako yagurishije imfungugwa zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM abandi bagirizwako aribo babiguze. Nakintije Thierry n’umwigisha asanzwe ari muri comité itunganya ivyimfungugwa zigenewe abanyeshuri zitangwa n’ishirahamwe mpuza makungu PAM. Kwizera Médiatrice bakorana aho kwiryo shuri shingiro nyabwizabwampinga mu gisagara ca gatandatu muri commune gihangana yari yaguze kurizo mfungugwa hamwe n’umudandaza azwi kwizina rya Sarvator nibo […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Umutekano waraye uhungabanye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mugihugu nkuko  bivugwa  n’ icegera c’umuvugizi w’igipolisi  mububushikirangaji bw’umutekano Moise Nkurunziza yamenyesheje ko mwijoro ryakeye ,umusirikare wo kugwego gwa colonel yitwa Emmanuel Buzubona yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana arikumwe numu chauffeur wiwe,Moise Nkurunziza yabandanije amenyesha ko iki gitero cagabwe kuriyi ntazangabo y’uburundi mugihe c’isaha imwe n’iminota 50 niho yagwa mumutego wabantu muri quartier bukirasazi zone kinama baramurasa aragerageza kwigwanira ariko aruhira gupfa […]

Categories: Amakuru, umutekano

Mu ntara ya Cibitoke imwe mu ntara isanzwe iherereye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu ,abanyagihugu bihaniye abantu babiri bari bamaze imisi bikekwako ubusuma. Aba basuma babiri  bafashwe kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 20 ndamukiza ariko guca batangura gukubitwa n’abanyagihugu bo muri zone kigeregere commune ya rugombo mu ntara ya cibitoke. Abasanzwe barongoye zone wa Kigeregere bakaba baciye bafata abantu   kubera ukwihanira hamwe no guturira amazu yabo bafashwe bazira kwari abasuma […]

Categories: Amakuru, umutekano

Abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bafadikanije n’intwazangabo z’uBurundi bagavye ibitero bikomeye kumurwi w’abagwanyi ba FNL isanzwe irongowe na Gnl Aloys Nzabampema. Kunko tubikesha iradiyo yo ngaho muri Congo Okapi, Ibi bitero vyagabwe kubagwanyi ba FNL ikukira Gen Aloys Nzabampema ,vyatanguye kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 9 ntwarante 2016 ,mu gice ca Kiliba gisanzwe giherereye muri  Ruzizi kubutaka bwa Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo mu gice […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Abantu baharurigwa muri 34 nibo bimaze  kumenyekana kumugaragaro kwaribo bahitanwe n’ibitero vy’abihevyi mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’uBubirigi mugihe abandi barenga amajana abiri (200) bakomerekejwe nivyo bitero vy’abiyahuzi. Ibi bitero vyabaye mu masaha yo mugatondo kakare bibera  mu bice bibiri  vy’igisagara ca Bruxelles aho igitero ca mbere cabereye ku kibuga c’indege ca Zaventem . Ibi bikaba vyatumye iki kibuga c’indege ca  Zaventem kica  cugagwa ndetse n’abantu barimwo baca barasohogwa n’abajejwe umutekano kugira […]

Categories: Muhira, Mumakungu, umutekano

Inyuma ya Lieutenant Col Darius Ikurakure,Major Didier Muhimpundu,yahoze mugisirikare ca ex-FAB ahejeje kugandagurwa Inyuma yaho kumasaha y’umuhingamo  yo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 22 ntwarante 2016,umwe mubari basanzwe bakomeye mugisirikare c’uBurundi akongera akaba  n’umwe mubari bashigikiye cane Petero Nkurunziza agandaguriwe ,kurubu naho umwe mubasirikare bahoze mugisirikare ca kera c’uBurundi bita  ex-FAB ahejeje kugandagurwa. Uyu ahgandaguwe ni Major Didier Muhimpundu ,akaba agandaguriwe kuri gisagara ca Bujumbura imbere ya Snack Bar Hibiscus. Aya makuru yigandagurwa […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Lieutenant Col Darius Ikurakure yahora arongoye  ikambi ya gisirikare yo Kumuzinda  ahejeje kugandagurwa Inkuru ibandanya icanacanako mu gisagara ca Bujumbura haba n’iraswa rya ,Lieutenant Col Darius Ikurakure  yahora aroongoye ikambi ya gisirikare yo kumuzinda . Naho aya makuru ataremezwa n’igisirikare c’uBurundi ,amakuru ava ngaho mubiro bikuru vy’intwaza ngabo z’uBurundi aremeza ko uyu  Lieutenant Col Darius Ikurakure  yaraswe ndetse akaba yarasiwe mu biro bikuru vy’intwaza ngabo z’uBurundi aho benshi bita muri Etat Major. […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 21 ntwarante 2016 ,Abanyeshure bo muri kaminuza y’uBurundi basanzwe bakorera ibikorwa vyabo mu kigo giherereye iKiriri bazindutswe bugarijwe n’inzego zijejwe umutekano mu ntumbero yo gusaka ibigwanisho murico kigo ca Kaminuza y’uBurundi. Naho iri sakwa ry’ibigwanisho atakigwanisho nakimwe  cigeze cerekanwa ko coba cafatiwe murico kigo ca kaminuza ,bamwe mu banyeshure bo ngaho murico kigo c’iKiriri baratewe umutima uhagaze niryo sakwa ry’ibigwanisho ndetse bamwe bakaba bafise ubwoba […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Mugihe iyicwa ry’ababikira batatu  babataliyano bagandaguriwe mu Kamenge kw’ishengero rya Paroisse Maria Conforti  mu kwezi kwi cenda mu mwaka wa 2014 ryabandanije ribamwo igipfungu cinshi ,hakaguma herekanwa hongera havugwa aboba bakoze ubwo bubisha haba kunzego zijejwe umutekano canke mu maradiyo yigenga nka RPA ,hongeye koboneka  uwundi muntu agira gatatu yiyemerera ko ari mubishe abo babikira batatu babataliyano. Uyu yabonetse kuyindi ncuro inyuma y’umwaka n’igice aba babikira bagandaguwe ni Clovis Kwizera benshi basanzwe […]

Categories: Amakuru, Muhira, umutekano