Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abaganga badasanzwe bo kubitaro vya  Xi’an bihereye mu ntara ya Shaanxi iri muburaruko bushira uburengero bw’igihugu  c’ubushinwa ,bakoze igikorwa kidasanzwe aho bafashije umugabo yarasanzwe afise amatwi atacumva kumva kandi babanze gukora igikorwa kidasanzwe co kumushira ugutwi ku kuboko. Nkuko ikinyamakuru co mu bushinwa cabibenyesheje uwari yacitse ugutwi yamenyekanye nka  Ji chang ,aho yaheruka gutakaza ugutwi bivuye mw’isanganya ry’imodoka  yaheruka kugira. Iki gikorwa rero co gutera ugutwi ku kuboko kukabandanya gukora gisa nicatangaje abantu benshi […]

Igihugu ca Chine ni kimwe mu bihugu kw’isi vyasize imbere ubucuruzi bwo gusohora ibintu bija kugurishwa hanze y’igihugu cabo kugira ubutunzi bwabo n’ikigega c’igihugu cabo kigume kimeze neza atankomanzi,gusa kugira ibi babishikeko sikintu coroshe kuko usanga iki gihugu kiriko kiragwanira isoko n’ibindi bihugu kw’isi nka Inde n’ibindi bibarizwa kumugabane wa Asia. Mw’ihangiro y’iki gihugu kizwi nkigifise abantu benshi kw’isi ,abanyagihugu baco bategerezwa gukora ibishoka vyose kugira  abanyagihugu babo baronke ivyo  bakoresha […]

Benshi baguma bemeza kw’isi igeze mu musi yayo yanyuma,hifashishijwe  ivyanditswe mubitabo vyeranda nka Bibiriya ,abantu benshi baramaze kwemeza ko muri reta zunze ubumwe za Amerika hamaze kuboneka ibimenyetso vyinshi vy’imperuka,iki kiguma kiyagwa sikindi  ni Microchip. Muri Reta zunze ubumwe za America haheruka kwemezwa umugambi wo  gukoresha agakoresho bita  Microchip ,aka  gakoresho kazoja kaja mu bice bimwe bimwe vyo kumubiri w’umuntu nko mu gahanga no mu kiganza  , aka gakoresho ka  microchip ,kazoza gafatwa nkuko ari […]

Burj khalifa ,inzu yambere kw’isi iteye igomye ,ikaba n’inzu yambere kw’isi iruta izindi zose kuva isi yabaho ndetse ikaba n’inzu yambere yubatswe n’ubuhinga butangaje hamwe n’aba Ingenieurs bakaruhariwe kw’isi. Kubona iyi nzu iri kw’isi nikintu gisa naho gitangaje kuko nabayubatse batari bazi neza ko bashobora kwubaka inzu ndende ingana nkiyo bashitseko . Abantu benshi bama bumva burj khalifa bakibaza ngo ninyubako isanzwe ariko muvyukuri n’inzu idasanzwe ,inzu ifise ubudasa budasanzwe inzu abahinga muvyo kubaka basanga […]

S atan 2 n’ikigwanisho co mubigwanisho bifise ubumara kidasanzwe giheruka gushigwa ahabona n’igisirikare ca Russia ,satan 2 cakozwe n’igisirikare  ca Russia kuva mu mwaka wa 2009, iki kirwanisho kikaba kiri  mubwoko  bw’ibigwanisho bwa Heavy Intercontinantal Ballistc Missile . Satan 2 nkuko benshi bakunda kucitwa ,gisanzwe citwa mu mazina y’igisirikare RS-28 Sarmat ,iki kirwanisho kiriko kiratera ubwoba isi yose casinzwe mu bicapo n’umuhinga mu vyagisirikare w’umurusiya yitwa Makeyev Rocket mu mwaka wa 2008,kica gitangurwa […]

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe bwa Amerika ,Barack Obama yaraye ashikirije ko igihugu ciwe kiriko kiritegura bimwe biboneka kugira mu myaka 14 iri imbere kizobe catanguye kurungika imiryango y’abanyamerika  kuba kukwezi  hamwe no gutembera ku kwezi nkuko bisanzwe bikorwa kumubumbe w’isi usanzwe twese dusanzwe tubako. Ibi Barack Obama yabishikirije kuruyu wa kane ,igenekerezo rya 13 gitugutu 2016 aho yariko arashikiriza ikiganiro kukinyamakuru ca CNN . Barack Obama yatanguye ashima intabwe igihugu ciwe kigezego mubijanye n’ubuhinga […]

Abahinde basanzwe bava mu bwoko bwabahindu bijukiye kunwa amaganga (cow Urine)kurusha uko banwa amata mu ntumbero yo kwikingira ingwara hamwe no gushaka umuti murizo nkari z’inka. Ibi vyatanguye kuja mungiro no kwitabwaho cane inyuma yumwaka wa 2014 aho Nerindra Modi yaja kubutegetsi murico gihugu gisanzwe ari kimwe mugifise abantu benshi kw’isi hamwe n’imico myishi itandukanye. Gukoresha amaganga canke inkari zinka vyatumye aya maganga azimba cane kumugwa mukuru w’igihugu c’ubuhinde ,new Delhi […]

Mu gihugu ca Seribia habaye igitangaza canateye ubwoba abantu benshi cane aho uruzi rwari rusanzwe rutemba bisanzwe ndetse runatembana amazi asanzwe rwahinduka ,rugahindura ibara ryagwo ,hagaca hasigara haboneka ibara ry’amaraso. Zimye mw’isanamu zerekanwe inyuma yaho urwo ruzi rutanguye guhindurira ibara arerekana neza ko muvykururi urwo ruzi rwahinduye ibara ndetse namazi yariko aratembamwo akaba yahinduye ibara azana ibara ryamaraso”The river of ‘blood’   Uru ruzi rwahinduye ibara rusanzwe ruzwi nka  Daldykan River rukaba rusanzwe ruherereye mu buraruko bw’igihugu ca Seribia. Gusa inyuma yiri hinduka ry’uruzi uwujejwe gutangaza amakuru murico […]

Ishiramwe ryo muri reta zunze ubumwe bwa Amerika ryakoze umwamboro w’ibirato benshi bakunda kwita “Ikambambiri”ziriko ziriyamirizwa cane naba Christo na cane cane abasanzwe bafata BIKIRAMARIYA nkumuvyeyi wabandi bakenyezi bose ndetse nabasanzwe bemera Yesu Christo nkumukiza wabo. Ibi birato vyo mubwoko bwa kambambiri vyatanguye kwiyamirizwa nabantu inyuma yaho ishirahamwe rizwi nka ” American Eagle”rizishiriye kumugaragaro ndetse rikanemenyesha ko rigiye gutangura uzigurisha kumugaragaro. Izi kambambiri rero zikaba zabonetse zifise igishushanyo ca BIKIRAMARIYA hamwe nica YESU CHRIST ndetse ivyo bishushanyo vyose bikaba biri ahasanzwe […]

Abazi kwihweza ibintu n’ibindi bavugako ukwo ari ukwikanga intsinzi imbere yuko intambara itangura.”Poutine agira amugwanye rimwe mugabo bizoba birebire”ubu Rusiya bwitegura gushira ahabona ivyemezo vyagiriza ubutegetsi bwa Amerika n’inzego z’iperereza ko nabo bari mugitero cokuwa 11 nyakanga.Murutonde rwivyemezo bafise harimwo amasanamu yafashwe n’ibigendajuru vy’igihugu ca Russia. Ivyo vyemezo bizoshigwa ahabona bizoba arivyokwerekana ingene ubutegetsi bwa Amerika bwifatanije nabandi mwivyo bitero vyokuwa 11 nyakanga ningene babishitseko kuvyiyumviro vyashizwe ahabona. Ico gitero […]

Mu gihugu ca Espagne hatangujwe uburyo bwo kwigisha ururimi rw’icongereza ,abigisha batambaye kugira abakurikirana ico c’irwa babashe kubitahura na ningoga kandi vyoroshe. Iki cigwa catangujwe muri Espagne citwa “Naked Language”kikaba cigisha ururimi rw’icongereza bicishijwe kuri chaine ya You tube yitwa “Stripping the News” ariko bakaba  babikora hifashishijwe abigisha babakenyezi baba batambaye agahuzu na kamwe mugtanga ico cigwa. Ubu buryo rero bwifashishwa kugira bigishe urwo rurimi benshi bakaba babushimye ndetse bakanakurikira cane ico cirwa mugihe […]

Inyuma yo gusubiramwo ibibuga vy’umupira w’amaguru vyo mu ntara hagati mu gihugu  nka  Gitega ,Ngozi hamwe na Rumonge hagashigwamwo ubwatsi bwa kijambere hakongerwa hakubakwa n’ubwugamo bushasha abakunzi b’umupira bazoza baricaramwo mu kuraba umupira ,ubu naho hashikiriwe intara ya Kayanza Inyuma y’igihe kitari gito   abarongoye iyi ntara ya Kayanza batanguye gusubiramwo ikibuga ca Gatwar kiri kumurwa mukuru w’intara ya Kayanza ,amakuru ava ngaho muriyo ntara aremeza ko iki kibuga camaze guhera ubu bakaba […]

Ingabo z’igihugu c’uBurundi ziherereye mu gihugu ca Somalia mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano murico gihugu ca Somalia zagendewe n’umukuru w’ingabo mu ntumbero yo kubashimira kubwitange n’ubukerebutsi bakoresheje kugira bakure mu maboko igisagara ca EL Baraf  cari kimaze igihe kitari gito carigaruriwe n’umutwe w’abagwanyi babihevyi ba Al Shabab. Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu asanzwe ari umukuru w’ingabo za AMISOM niwe yari aramutse agendera abasirikare babarundi bari muri secteur ya gatanu(5)barongowe na […]

Ubuhinga bwa none bubandanya butera buja imbere kurugero rushimishije ndetse bamwe mu ncabwenge zo kw’isi zibandanya zikora ibintu bihanitse ndetse kenshi bakaba bagerageza gukora ikintu gishobora gukora ibikorwa vyinshi gusumba ikiba gisanzwe kihari. Umwe mubahingo bo muburaruko bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika yakoze ipikipiki izoba ifise ibikorwa bibiri ,kimwe co kugendeshwa nkipikipiki isanzwe ikindi co kuba nk’ishakoshi ushobora kujanamwo ibintu vyawe. Uyu mugabo yakoze iyi pikipiki yamenyesheje ko isanzwe […]

Mugihe abarundi benshi bakunda kwibaza ikibazo kijanye n’ubutaka canke ibibanza bisanzwe birimwo amabuye y’agaciro , na cane cane ko benshi bakunda kwemeza ko mu Burundi dusanzwe dufise ibice vyinshi bisanzwe birimwo amabuye yagaciro imwe muri Societe yatsindiye isoko yo kwimba aya mabuye yagaciro yamenyesheje ibibanza 3 bikomakomeye  birimwo amabuye yagaciro . Nkuko vyasizwe ahabona n’ishirahamwe Kermas limited  ,rimwe mumashirahamwe yatsindiye isoko yo kwimba amabuye y’agaciro ari kubutaka  bw’uBurundi ,iri shirahamwe risanzwe rikorera […]

Indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 igiye guhindurwamwo inzu y’uburiro (restaurent)mugihugu c’uBushinwa(chine) Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru c’imboneshakure ya CCTV yo migihugu c’uBushinwa (Chine),iyi ndege yaguzwe n’umucuruza yahora acuruza mu mazu y’uburiro mugice ca Wuhan,mu ntara ya Hubei isanzwe iherereye mu bumanuko bw’ubuseruko bw’igihugu ca Chine ,kugira ahige ingene yokwigarurira abakiriya benshi bashoboka akoresheje iyo ndege yo mubwoko bwa Boeing 737. Uyu mugabo yamenyekanye nka Juan yemeye gushira amahera agera kuri (5.3 […]

Umugabo wo mugihugu ca Nepal kimwe mu bihugu biri muri continent ya Asia ,afise ubushobozi bwo kwiyuzuzako inzuki umubiri wose atankomanzi. Surya Prasad Lamichhane w’imyaka 34 yamavuko asanzwe afise ubuhinga budasanzwe aho yiyuzuzako inzuzu umubiri wose . Uyu mugabo asanzwe yemeza ko yitungiwe ninzuki kubera amahera azikuramwo ndetse yemeza ko umwuga wo kworora inzuki awukoze imyaka 9 ,asanzwe akunda inzuki cane bimwe bitavugwa ndetse ashobora no kuzishira kumubiri agatemberana nazo […]

Ibintu bitangaje kw’isi bibandanya vyibonekeza ,ndetse bikaba bituma abantu benshi bibaza nimba vyukuri isi itariko iragenda ija kwiherezo ryayo. Abantu bo mubice bitandukanye vyo kw’isi  bagiye baboneka bakoze ubugeni n’ibintu bitangaje kw’isi ,aho bamwe bagiye bagira ubugeni n’imbwa,ihene,ibiti,imisego n’ibindi vyinshi ,ariko hakaba hatari bwaboneke uwukora ubugeni n’igipupe . Dirk  asanzwe ari n’umunyagihugu wo muri reta zunze ubumwe bwa Amerika ,kuruhande rwiwe yahisemwo kwikorera ubugeni n’igipupe ,ndetse aca anacitwa n’izina ry’ikiremwa […]

Abahinga bakongera bakaba n’abaganga bakaruhariwe bo mugisagara ca Barcelona mu gihugu ca Espagne batangaje ko umuti ushobora gukiza  Virus ya SIDA kugiye kuja ahabona inyuma yigihe gito batangaje ko bashitse kumuti nyakuru ushobora gukiza iyo ngwara itikiza abantu kw’isi idacaguye. Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru Viroshare,kimenyesha ko aba baganga batoye uyu muti bitaboroheye cane kuko bawutoye mumaraso y’uruzogi ruhuza umuvyeyi n’umwana. Uyu muti waba baganga ukaba  unamaze kugeragezwa kubantu batari bake ndetse […]

Abapolisi bo mugihugu c’Ubuhinde,kimwe mubihugu biromwo abantu benshi cane kw’isi kikongera kikaba muri kimwe  mubihugu bikunze kubamwo uguhangana gukomeye hagati y’abapolisi n’abenegihugu baba bariko barakora imyigaragamvyo ,igipolisi cico gihugu catanguye umugambi mushasha wo kurekurire aba Polisi gukoresha amatopito muntumbero yo guhangana nabazoba bari mu myigaragamvyo. Iki gikorwa catanguriye mu maburaruko bw’igihugu c’uBuhinde mu Ntara ya Haryana imwe mu ntara isanzwe yegereye cane umurwa mukuru w’igihugu c’uBuhinde ,New Delhi. Nkuko vyatangajwe […]