Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

  Inyuma y’inkuru ibandanya ivurwa mu Burundi ko abantu bane mu ndongozi z’umuhari FPB zabo zafatiwe mu gihugu kibanyi ca Tanzania bagaca bajanwa mu Burundi ,umuvugizi w’umuhari FPB bwana Col Adolphe Manirakiza, yemeje ayo makuru ko abantu babo bane bafatiwe mu gihugu ca Tanzania ariko agirako agabisha ico gihugu ngo hamwe cohirahira kigaha abo bantu babo igihugu c’uBurundi. Bwana  Col Adolphe Manirakiza akaba yamenyesheje ko hamwe igihugu ca Tanzania cohirahira kigaha […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Nkuko amakuru yemezwa na BOB RUGURIKA hamwe na Anicet Niyonkuru bamwe mu mboneza mu barwanya  ubutegetsi bw’iBujumbura bakaba na bamwe mu bari begereye abo basirikara babairi ,baremeza neza ko aba basoda babiri bo kurwego rwo hejuru aribo  General Ntiranyibagira Jeremie hamwe na Colonel Édouard Nshimirimana bafatiwe mu gihugu kibanyi ca Tanzania . Aya makuru y’ifatwa ryabo bagabo ahanini yemejwe na BOB Rugurika aho abicishije kurukuta  rwiwe rwa Twitter yemeza ko aba […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Ashikiriza ico agona ku nkoho zishika kuri 40 ziheruka gufatirwa mw’ikambi y’impunzi iri mu gihugu ca Tanzania Karori Nditije asanzwe ariwe aramutswa urunanini CNARED Giriteka (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi)yashikirije amajambo asa aho dasanzwe aho yariko aravuga umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Mu majambo amwamwe Karori Nditije yashikirije harimwo :IKINWAMARASO ,IKINYAMASWA…… Fyonda ngaho hasi wumviriza amajwi   Share PostTwitterFacebookGoogle […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Inyuma yo kugandagura umukuru wigihugu yari yatowe n’abanyagihugu mu mwaka wa 1993 ,abasirikare bari bihaye iryo bara ntibagandaguye umukuru w’igihugu gusa ahubwo babandanije guhiga bunyamaswa n’abandi bari mu mugabwe wa SAHWANYA FRODEBU kugira babagandagure . Murabo bagandaguwe harimwo abashingamateka 13  bari mu  mugabwe SAHWANYA FRODEBU ico gihe c’umwaka wa 1993. 1:Umushingamateka KAJIBWAMI POTIEN 2Umushingamateka BIMAZUBUTE GILLES 3:Umushingamateka NDIKUMWAMI RICHARD 4:Umushingamateka SENTAMO ENGLEBERT 5: Umushingamateka PFAYOKURERA SYLVESTRE 6:Umushingamateka MANIRAMBONA JUVENAL 7:Umushingamateka […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Kw’igenekerezo rya 17 ruheshi  2016 niho umurundikazi  asanzwe aba iburayi (europe) ku murwa mukuru w’igihugu  ca Espagne  muri Barcelona ,yitora akandika amajambo adasanzwe kurukuta   rwiwe ngurukana bumenyi ,aho ayo majambo yanditse  yababaje abatari bake na cane cane abasanzwe begereye intwaro y’iBujumbura . Mu majambo Kaneza Dianne yanditse kurukuta rwiwe ico gihe yagize ati “KERA BUJA YASA NEZA ….URI VYOSE ,KUVA HATANGUYE IMICAFU …HATEYE UBWOBA…URAJA AHANTU UGSANGA HATEYE UBWOBA…AMASURA …UFFFFF…..” Akimara kuvuga […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Inyuma yaho umukobwa w’umuhanuzi mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu bwana Willy Nyamitwe ,agenewe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine ,yavuye mugacerere agira icavuze kwigenwa ryiwe. Abicishije kurukuta rw’iwe rw’ingurukana bumenyi rya Twitter ,Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe yagize ico ashikirije aho yamenyesheje ko kugenwa kiwe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine ari iteka kuri we kandi kategerezwa kubikora afadikanije n’abandi barundi baba murico gihugu. […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Mu gihe habandanya igenwa ryabatwara canke baserukira abarundi baba mu makungu  kumpannde zose zine zigize isi haba muri Europe ,Asia , Amerika .Ocean tutubagiye na Africa ,Japhet Legentil Ndayishimiye ajejwe ico gikorwa abandanya yerekana abo yagenye ngo baserukire abandi murivyo mu bihugu vyari bisanzwe bidafise ababiserukira. Nkuko vyatangajwe na Japhet Legentil Ndayishimiye asanzwe ajejwe ico gikorwa kuruyu musi w’igenekerezo rya 17 gitugutu 2017,umwe mubana ba Willy Nyamitwe nawe yahawe amabanga yo guserukira abandi […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Igihugu c’uBurundi kibicishije ku muvugizi akaba n’umwunganizi mu bushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,bongeye kwagiriza igihugu kibanyi c’uRwanda hamwe n’igihugu c’uBubirigi kuba bariko baratanga inkoho mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzania. Nkuko vyashikirijwe na Therence NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu ,yamenyesheje ko igihugu c’uRwanda kirikumwe n’igihugu c’uBubirigi bariko baragerageza gukwiragiza inkoho mw’ikambi y’impunzi i Nduta muri Tanzania kugira bashobore guhungabanya umutekano w’izo […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Naho wari umunezero udasanzwe kuruhande rwabasanzwe bayoboka ubutegetsi bwa Bujumbura ,ibintu bisa nivyahindukiriye urundi ruhande kuko ibihugu biri muri UN Human Rights Council resolution  vyemeje ko ikiringo c’abahinga bakora amatohoza kubwicanyi bwabaye mu Burundi congerwa . Mu bihugu 47 bisanzwe biri muri UN Human Rights Council resolution  vyose hamwe ,ibihugu 22 vyemeje ko ico kiringo congerezwa mugihe 11 vyanse ico cipfuzo co kongereza ico kiringo ,ibindi bihugu 14 navyo vyaretse kugira ico bibivuzeko. […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Mu gihe abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bari bafise icizere cinshi ko ibintu bishobora kurara bidadanutse, ndetse hari n’icizere ko haca hemezwa ko abategetsi b’uBurundi bazoca bajanwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu ,ibintu vyaje guhindukira uko abarwanya Nkurunziza batari bavyiteze ndetse basa nabakubiswe n’inkuba kuko benshi batatahuye ibibaye. Ibi vyabereye i Malte mu nama yari yahuje ibihugu 48 biri mu nama nkuru y’agateka ka zina muntu (UN Human Rights Council resolution) […]

Categories: Amakuru, Burundi, Politic

Inyuma  yaho Benjamin William Mkapa ,umuhuza mu matati y’uBurundi ,amenyeshereje ko abasanzwe bagirizwa ubwicanyi badakwiye kuja mu biganiro bihuza abarundi,bamwe mubanyepolitke harimwo n’abakozi b’Imana baserukira amashengero babandanya kwiyamiriza ico ciyumviro ca William Mkapa. Kuruhande rwabaramutswa amashengero ,uwatanguye kwiyamiriza kumugaragaro iciyumviro ca Benjamin Mkapa ni Mgr Simon NTAMWANA,asanzwe asanzwe arongoye intara ya Gitega mw’shengero Katorika. Kubwa Mgr Simon NTAMWANA asanga atanumwe yarakwiye gukumirwa mu biganiro bihuza abarundi kuko haganira abasanzwe bacanyemwo ngo na […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Murugendo rw’imisi itatu umuhuza mu matati y’aBarundi amaze mu gisagara ca Bujumbura ,Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu mwaka wa 2005,  yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunzuza . Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016, Benjamin William Mkapa yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza aho yamenyesha ko […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Inyuma yoho Willy Nyamitwe  umuhanuzi mukuru muvyo gutangaza amakuru mu bureau vy’umukuru ‘igihugu ategewe   umutego n’abitwaje ibigwanisho ariko akarusimba,benshi mu banyepolitike na cane cane abasanzwe bari mu kwaha k’ubutegetsi babandanya bagira ico bashikirije ndetse bamwe bakagenda bagira imigwi bagenda begekako ico gitero. Kubwa Jcques Bigirimana asanzwe arongoye umugabwe FNL ,wemewe imbere y’amategeko yatunze urutoke abari murunani Sindumuja kwaribo bashatse kugandagura umuhanuzi mukuru muvyo kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Inyuma y’igitero  cahatswe kuzimanganya ubuzima bwa Willy Nyamitwe asanzwe ,ari umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Pierre Nkurikiye ,asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi yatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru mu ntumbero yo gusigura ibijanye nico gitero hamwe no gushira ahabona aboba  bari inyuma yico gitero . Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabishikirije ,bwana Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko ,abakoze igitero kuri Willy Nyamitwe bari basanzwe bikekwa ndetse ko bamwe muribo bari bamaze […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Mugihe Reta y’Uburundi  yaheruka gushiraho umurwi wo   kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi ,abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi batanguye kwiyamiriza iyo ngingo ndetse bongera basaba ababishoboye kwamira hakiri kare amazi atararenga inkombe. Uwaje ubwambere ni Muganga Yohani Minani , umukuru wa CNARED Giriteka(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.) […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Abanyarwa 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame. Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na  Padiri  Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu migabwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uRwanda warumaze igihe ukorera hanze y’igihugu c’uRwanda. Padiri  Thomas Nahimana arikumwe […]

Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Yohani Minani ,Umukuru w’urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije amajambo atangaje ku kibazo cerekeye umuhuza  mushasha w’abarundi  aheruka kugenwa. Muganga Yohani Minani ,asanzwe aserukira uruanani CNARED Giriteka  ,yamenyesheje ko adashigikiye na gato igenwa rw’umushingamateka Edouard Nduwimana yatowe mu Ntara ya Kayanza ,kuba umuhuza w’abarundi kuko ,ngwasanzwe ari umukozi w’umukuru w’igihugu akongera […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Pacifique Ninanahazwe umwe mubasanzwe badaharanira inyungu za Politike mu Burundi akaba numwe mubarwanije ikiringo ca gagatu c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 ,yagize ico ashikirije inyuma yitorwa ry’umushingamateka Edouard Nduwimana nk’umuhuza wabarundi. Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwiwe bwa Twitter ,Pacifique Nininahazwe akaba yashikirije amajambo adasanzwe aho yamenyesheje ko gutora Edouard Nduwimana nk’umuhuza wa’abarundi ari igitutsi kidasanzwe k’uBurundi n’abarundi. Mu majambo ya Pacifique Nininahazwe ,yasize  kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Mugacamugani kiwe ,Pierre Nkurunziza ,umukuru w’igihugu c’uBurundi yashimikiye kuri Bakame hamwe n’igikoko kinini kiba mumazi ,imvubu. Mugihe yariko araca ako gacamugani ,Pierre Nkurunziza yasanze yihenze ahari kuja ijambo Bakame ahashira ijambo kagame. Umviriza mu majwi umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza ngaho musi . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Politic