Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Indege yaritwaye abakinyi b’umurwi w’umupira w’amaguru  wo mu cicaro cambere wo  mu gihugu ca Bresil ,yagiriye isanganya mu gihugu ca Colombia . Iyi Ndege yariko iraja mu gihugu ca Colombia ,yarimwo abantu bashika kuri 81 hakaba harimwo abakinyi bose bagize umurwi wa Chapecoense wo muri Bresil baherekejwe nabasanzwe babafasha kwimenyereza  hamwe  n’abaganga bakurikirana uwo murwi. Umurwi wa Chapecoense wariko uraja mu gihugu ca Colombia aho warugiye gutana mu mitwe n’umurwi wa Altético Nacional wo mugihugu […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Francine Niyonsaba ,umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi  mu kwiruka imetero amajana umunani(800m) kugwego rw’isi yose yambitswe umudari w’iteka nk’umunonotsi wakarorero kandi urundi rwaruka rukwiye kurabirako akarorero keza. Umudari witeka yawambwitse n’umukuru w’igihugu ,kuruyu wa kane igenekerezo rya 25 munyonyo kuri stade yitiriwe “Urunani”iri muri komine Buganda mu Ntara ya Cibitoke. Francine Niyonsaba akaba yabwitse uyu mudari n’umukuru w’igihugu c’uBurundi bwana Pierre Nkurunziza mu birori vyari vyatumiwemwo abaserukira intara zose z’uBurundi  hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo […]

Categories: Amakuru, Burundi, Inkino, Muhira

Murukino rwariko rurahuza umurwi nserukira gihugu wa Bosnia hamwe n’umurwi nserukira gihugu w’ubugiriki (Grece),umukinyi Eden Dzeko asanzwe ari umusatirizi w’umurwi wa Bosnia akaba n’umukinyi wa As Roma yo  muri Italy yahawe ikarata itukura kubera kwambura impuzu mugenziwe bari murukino. Ikarata itukura Eden Dzeko ,yayirose kumunota wa 78 w’urukino aho yambura mugenziwe ikabutura agasigara mu gahuzu ko musi gusa ,bica bituma ahabwa ikarata y’umuhondo igira kabiri ,ayi  ikaba ariyo yaciye ituma  aronka ikarata itukura. […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Cristiano Ronaldo ,umuknyi wambere kw’isi yose ahebwa amahera menshi akaba umwe mubakinyi bamaze kw’ubaka izina  mu mupira wamaguru kw’isi  ,abandanya yikekwako kwashobora kuba aryamana nabo basangiye igitsina inyuma yo kumara igihe kinini atari murukundo n’umwigeme numwe. Ibi vyatanguye kuvurwa inyuma yaho habonekeye ifoto yerekana Cristiano Ronaldo ariko arakorakora igihimba c’irondoka ca mugenziwe igihe bari kukiyaga bambaye impuzu zo kwogana. Ibi rero subwambere  bivuzwe kuri Cristiano Ronaldo , kuko no mu mezi […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja gukina inkino zanyuma z’igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Russia ,umurwi nserukira gihugu wa Bresil wakosoye bimwe bikomeye umurwi wa Argentine wa Lionel Messi . Ku kibuga ca Estadio governador pinto,umurwi wa Bresil uri imbere yabakunzi bawo ,unabifashwijwemwo nabakinyi babo nka Neymar asanzwe akinira Fc Barcelona hamwe na Coutinho asanzwe akinira Liverpool ,batsitse umurwi wa Argentine wa Lionel Messi  ibitsindo 3 vyose kuri 0 […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Cristiano Ronaldo  ,kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Portugal akaba n’umusatirizi adasanzwe w’umurwi wa Real Madrid kuva mu mwaka wa 2009 ,yongeye amasezerano afitanye n’umurwi wa Real Madrid gushika mu mwaka wa 2021. Kwongera amasezerano kwa Cristiano Ronaldo y’imyaka 5 mu murwi wa Real Madrid ,vyanatumye umushahara wiwe ubandanya kwiyongera gushika kuma million 32 yamanyaburaya( 32 million EUR),ndetse  bikaba vyaciye bigumiza Cristiano Ronaldo  kw’isonga nk’umukinyi ahebwa amahera menshi kw’isi. Kwongera amasezerano Cristiano Ronaldo y’imyaka itanu […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Murukino rutari rworoshe na gato rwariko rurahuza umurwi wa Valencia wari kukibuca cawo hamwe n’umurwi wa Fc Barcelona wariko urakora ibishoboka vyose kugira urare uri mukibanza cambere mu gihugu ca Espagne ,abakunzi b’umurwi wa Valencia ntibihanganiye na gato abakinyi b’umurwi wa Fc Barcelona inyuma yo kubona ko ikipe yabo iri kumwanya wa 11 mwiryo higanwa icinzwe muminota yinyongera. Uru rukino naho rutari rworoshe kumoande zose ,umurwi wa Fc Barcelona niwo washoboye […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Mu rukino rwo kuruyu wagatanu rwahuza umurwi wa Chelsea hamwe na Liverpool muri championa ya Premier Legue mu gihugu c’ubwongereza ,umugwi wa Liverpool wongeye gutsindira Chelsea  imbere yabakunzi bayo ,kukibuga cayo ca stamford Bridge. Uru rukino rwari rwitabwe nabantu benshi cane baharurigwa mubihumbi 41514 ,rwataguye ubona neza ko umurwi wa Liverpool kushaka gutahukana amanota 3 naho Chelsea yari imbere yabakunzi bayo. Uru rukino rwaje gukomerera murwi wa Chelsea cane mugice cambere kuko umurwi […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Umurwi wa Fc Barcelona usanzwe ufatwa mu mirwi ikomeye mu gihugu ca Espagne hamwe no kw’isi yose uhejeje gutahukana igikombe cabo kigira ica 24 mw’ihiganwa rya la Liga mu gihugu ca Espagne. Iki gikombe kigira 24 ,umurwi wa Fc Barcelona ukaba wagitahukanye  ubifashijwemwo n’umusatirizi wabo Luis Suarez mugufasha umurwi wiwe gutsinda ibitsindo 3 vyose arumwe  mururu rukino rwariko rurabahuza na Grenada ,ari navyo vyahaye amahigwe yose Fc Barcelona yo gutahukana igikombe. Iki gikombe Fc […]

Categories: Amakuru, Inkino, Mumakungu

‪Umurwi wo mu bwongereza Liester City uhejeje gutangaza abantu benshi aho uhejeje gutwara igikombe ca Championa yo mu bwongereza (Champion of Barclays Premier League)kuncuro yayo yambere kuva yatangura gukina umupira wamaguru. Liester City yarusha amanota 7  umurwi wayikurikira Tottenham ,mugihe hari hasigaye inkino zirimwo amanota 9 ,bisigura ko mugihe Liester City yotsinzwe imikono yose isigaje naho Tottenham ikabandanya itsinda ko ,Liester City yari kuba ibuze amahigwe yo gutwara iki gikombe kuncuro yayo yambere. Urubanza rero hagati yiyi […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Murukino rwa kimwe ca kabiri mw’ihiganwa rya Champion League rwariko rurahuza umurwi wa Real Madrid hamwe na Machester City yo mu bwongereza kukibuga ca Etihad Stadium ,umumenyereza wa Real Madrid yongeye guhura nakaga ipantalo imucikirako incuro ya kabiri mugihe yari kukibuga ariko aramenyereza umurwi wiwe. Murukino rutari rworoshe ndetse rwanaheze imirwi yose atanumwe ashoboye kwinziza igitsindo na kimwe ,umumenyereza wa Real Madrid bwana Zinedine Zidane yongeye guhura nakaga ipantalo imutabukirako mugihe […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Riyad Mahrez asanzwe afise inkomoko muri Africa mugihugu ca Algeria akaba asanzwe akinira umurwi wo mucicaro cambere mu bwongereza Leicester yatowe nkumukinyi mwiza ,yitwaye neza mw’ihiganwa Premier League ryo mu bwongereza muruyu mwaka wa 2015-1016. Ibi Riyad Mahrez yabishitseko inyuma yo gufasha cane umurwi wiwe wa Leicester kuguma mukibanza cambere mwihiganwa rya Premier League ndetse ubu akaba ariwo murwi unahabwa amahigwe menshi yo gutwara igikombe ca mubwongereza ca Premier League. Riyad Mahrez akaba […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Murukino rwahuje umurwi wa Fc Barcelona hamwe n’umurwi wa Deportivo ,umukinyi w’umusatirizi wa Fc Barcelona ,Luis Suarez yinjije ibitsindo 4 kuruhande rwiwe bica bituma ashirwa mu gitabo cakahise kumurwi wa Fc Barcelona. Ku kibuga cayo  ca Riazor umurwi wa  Deportivo La coruna wahatsindiwe ibitsindo benshi bise imvura yibisindo kuko yahatsindiwe ibitsindo 8 vyose nayo itigeze ibona na rimwe mw’igori. Muribi bitsindo vyinjiye ,umukinyi w’imbere wa Fc Barcelona ,luis Suarez yinjijemwo ibitsindo bine […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Inyuma y’igihe gito cane itombora hagati y’imirwi ine(4) rudende isigaye mw’ihiganwa  rya Champion League ribaye hakanamenyekana n’ingene iyo  mirwi izogenda ihura uko ari ine ,bamwe mu basanzwe bakurikiranira ivyumupira  w’amaguru hafi batanguye gukemanga ko umurwi wa Real Madrid woba wifashisha umukuru wawo,Perez Florentino mugutanga ibiturire mw’ishirahamwe rijejwe gutegura inkino za Champion League kugira babahuze  n’imirwi yoroshe. Ibi bitanguye kwagirizwa umurwi wa Real Madrid inyuma yaho kuva mumatombora yo munkino z’igice c’umunani gishira […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Cristiano Ronaldo ,umusatirizi w’ikipe ya Real Madrid akongera akaba na kizigenza w’ikipe y’igihugu ca Portugal yafashije bimwe bidasanzwe umurwi wiwe wa Real Madrid gushika mugice ca kimwe ca kabiri (1/2)c’inkino za UEFA Champions League. Murukino rutoroshe nagato  rwo kwishura rwariko rurahuza umurwi wa Vfl WolfsBurg  wo mugihugu c’ubudagi ,wari waje kukibuga ca Real Madrid (Bernabeau ) witekereye Impamba y’ibitsindo 2 ,ikipe ya Real Madrid ibifashijwemwo na Cristiano Ronaldo yashoboye kwishura […]

Categories: Amakuru, Inkino

Inyuma yo gusubiramwo ibibuga vy’umupira w’amaguru vyo mu ntara hagati mu gihugu  nka  Gitega ,Ngozi hamwe na Rumonge hagashigwamwo ubwatsi bwa kijambere hakongerwa hakubakwa n’ubwugamo bushasha abakunzi b’umupira bazoza baricaramwo mu kuraba umupira ,ubu naho hashikiriwe intara ya Kayanza Inyuma y’igihe kitari gito   abarongoye iyi ntara ya Kayanza batanguye gusubiramwo ikibuga ca Gatwar kiri kumurwa mukuru w’intara ya Kayanza ,amakuru ava ngaho muriyo ntara aremeza ko iki kibuga camaze guhera ubu bakaba […]

  Mu mahiganwa ya IAAF WORLD INDOOR CHAMPIONSHIP , Francine Niyonsaba kuruhande rrwa bigeme yadugije ibendera ry’igihugu c’uBurundi aza kumwanya wambere ndetse bica binatuma atahukana umudari w’inzahabu. Akoresheje umwanya mwiza cane wa 2’00”01 ,Francine Niyonsaba yaje imbere y’ibihangange nka Ajee Wilson umunyamerikakazi  yakoresheje umwanya ungana (2’00”27) hamwe numunyakenyakazi Margaret Wambui yakoresheje umwanya ungana na (2’00”44). Tubibutse ko aya mahiganwa ariko arabera muri Portland, Oregon, United States ,akaba ariko arahuza abanonotsi bo kunzego zose haba […]

Categories: Amakuru, Inkino

Murukino rw’igice c’umunani gishira icanyuma co mu nkino za Europa League ,umurwi w’umupira wamaguru wa Liverpool watsinze mukeba wawo Manchester United ibitsindo 2 vyose udakozemwo. Murukino abantu isinzi bari bageranye igishika ncinshi cane ,haba kuruhande rwabakunzi b’umugwi wa Liverpool hamwe no kuruhande rw’abakunzu b’umurwi wa Manchester United ,umurwi wa Liverpool washoboye kwihererana umurwi wa Manchester uwutsinda ibitsindo 2 . Uru rukino rutangura ,imirwi yose wabona ifise ishaka ryo gushaka igitsindo […]

Categories: Inkino, Muhira

Inyuma yo gusanura ikibuga c’inkino co mu ntara yo hagati mu gihugu Gitega ,bagashiramwo ubwatsi bw’ikibuga kigezweho hamwe n’intebe zigezweho zo kwicaramwo mu bwugamo ,ubu hashikiriwe gusanura ikibuga c’inkino co mu ntara ya Muyinga iri muburaruko bw’igihugu. Nkuko vyari vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB),umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo, ko nibaheza gusanura ikibuga c’inkino c’intara ya Gitega ko hazoca hakurikira ikibuga c’inkino c’intara ya Muyinga,imvugo isa niyajanye n’ingiro kuko mu […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Umurwi  wa Chelsea umwe mu mirwi usanzwe ukomeye cane mw’irushanwa ry’umupira wamaguru mu Bwongereza hamwe no kw’isi yose uhejejje kunyagira umurwi wa Manchester City ibitsindo bitanu kuri kimwe mugikombe ca England FA Cup. Uru rukuino rwabereye kukibuga ca Stamford Bridge ,ikibuga c’umurwi wa Chelsea . Umurwi wa Chelsea wakoze ibishoboka vyose kugira unezereze abakunzi bawo wongere unabibagize urukino baheruka gucindwamwo kumusi wa Gatatu uheze n’umurwi wa Paris Saint Germain munkino […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira