Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muri reta zunze ubumwe za Amerika mu ntara ya Florida isanzwe iri mubumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika  habaye igitangaza kidasanzwe aho abantu  bo murico gisagara babona ikimenyetso kidasanzwe kubicu. Ibi vyabaye kumasaha y’muhingamo mu gisagara ca Florida,aho  abari murico gisagara babonye ikintu kidasanzwe kubicu ,babona izina rya YESU(JESUS )ryiyandika hejuru kubicu. Mubari basanzwe bari ngaho abenshi ntibigeze batahura ibibaye mugihe kurundi ruhande hari abari bafise ubwoba ko YESU agarutse […]

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira, Mumakungu

Mugice ca mabanda mu ntara ya Makamba muri Commune Nyanza-Lac  ibintu vyahabereye vyatangaje atari bake inyuma yaho abakozi b’imana b’ishengoro pantikoti( Pentecôte)bafataniye mumashati bagatangura guterana ingumu ariko abapolisi barikumwe n’uwutwara iyo ntara baca baza gusukamwo mabisi ibara ritaragwa. Aba bariko barashwamirana n’umukozi w’Imana asanzwe azwi nka Pasteur Seth hamwe n’uwundi asanzwe azwi nka Pasteur Emmanuel bose bo mwishegero Pentecôte ryo muri  Commune Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Aba bakozi b’Imana b’ishengero […]

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira

Ngo biragoye kwamashetani ashika kukirimba kwa Petero  Nkurunziza umukuru w’igihugu c’uBurundi  kuko ngo hari umuriro udasanzwe ,Grâce Ishimwe yemera  ko yagiye mukuzimu akamara igihe kitari gito akorana n’inguvu za Satani yatanze igishingantahe. Grâce Ishimwe ,umwigeme wo mu ntara ya Ngozi yatanze igishingantahe kidasanzwe aho yemeza ko yagendera mukuzimu ndetse ko yari umukozi wa Satani igihe kitari gito haba kw’isi no mukuzimu. Muvyo yashikirije Grâce Ishimwe yamenyesheje bimwe muvyo yahora harimwo nko […]

Categories: Amakuru, Burundi, Gospel, Muhira

Ishengero rya Protestante mu gihugu c’uBubirigi ry’uguruye imiryango kubavugabutumwa(pasteurs) basanzwe bahuza ibitsina nabo babisangiye (homosexuels)kuba mu muryango wiryo shengero bakongera bakigisha ijambo ry’Imana atankomanzi. Ibi vyatangajwe n’inama nkuru y’abavugabutumwa ba Protestante murico gihugu c’uBubirigi kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 ruheshi 2016 aho bari bahuriye mu nama yo kwigira hamwe ingene boreka gufata abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye nkingorane mw’ishengoro ryabo. Ibi vyashitsweko inyuma yumubonano udasanzwe wabasanzwe barongoye iryo shengero mu […]

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira, Mumakungu

Musenyeri Mukuru Wa Diyosezi Anglicane Y’i Makamba Martin Blaise NYABOHO niwe agiye kurongora ishengero rya Anglicane mu Burundi bwose, Musenyeri  Martin Blaise Nyaboho azoba akoreye mu ngata mugenziwe ,Musenyeri  Bernard NTAHOTURI yahora arongoye uwo muryango kuva mu mwaka wa 2005 gushika magingo aya. Musenyeri Martin Blaise NYABOHO Afise Imyaka 61 y’amavuko,yakuriye mw’idini rya Anglican,Martin Blaise NYABOHO yabatijwe mu mwaka wa 1965,akomezwa mu mwaka wa 1969. Mu mwaka 1985,yahawe amabanga y’budiyakoni murusengero ,inyuma y’imyaka […]

Categories: Burundi, Gospel, Muhira

Kw’igenekerezo rya Gatatu Ndamukiza mu mwaka wa33 imbere ya Yesu nikuvuga (33A.D=anno domini mukirimi cikiratina  canke 33 years since the birth of Christ mucongereza) kumasaha y’umugoroba y’umusi wa gatanu niho umuromani yatwara intara yabayuda  (the Roman governor of judea)Pilato yaha itegeko abasirikare biwe  kwica YESU CHRIST ,kubera gutinya ko yohava amakura kungoma . Inyuma yo kugandagurwa kwa YESU CHRIST akagandagurwa urupfu rubabaje  ,icakurikiyeho kwabaye ukugenda baragandagura intumwa ziwe yari yasize kw’isi […]

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira