Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma  yaho Benjamin William Mkapa ,umuhuza mu matati y’uBurundi ,amenyeshereje ko abasanzwe bagirizwa ubwicanyi badakwiye kuja mu biganiro bihuza abarundi,bamwe mubanyepolitke harimwo n’abakozi b’Imana baserukira amashengero babandanya kwiyamiriza ico ciyumviro ca William Mkapa. Kuruhande rwabaramutswa amashengero ,uwatanguye kwiyamiriza kumugaragaro iciyumviro ca Benjamin Mkapa ni Mgr Simon NTAMWANA,asanzwe asanzwe arongoye intara ya Gitega mw’shengero Katorika. Kubwa Mgr Simon NTAMWANA asanga atanumwe yarakwiye gukumirwa mu biganiro bihuza abarundi kuko haganira abasanzwe bacanyemwo ngo na […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Kuva  aho Melchior Ndadaye ,incungu ya Democratie akaba n’umukuru w’igihugu wambere yaratowe n’abarundi agandaguriwe ,abavyeyi biwe ntibigeze bibukwa na gato  n’abari mu mugabwe Melchior Ndadaye yavamwo  ndetse  n’ubuzima bwabo bukaba bwabandanije buba bubi cane naho uyu mugabwe wasinzwe ushinzwe ukanakomezwa na Melchior Ndadaye wagumye mu Butegetsi kuva mu mwaka wa 1993 . Sahwanya FRODEBU yasinzwe na Melchior Ndadaye ,umuhungu wa Pio Ndayaye hamwe na Thérèse BANDUSHUBWENGE wagumye mu nzego z’uBurundi kuva Melchior Ndadaye […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Murugendo rw’imisi itatu umuhuza mu matati y’aBarundi amaze mu gisagara ca Bujumbura ,Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu mwaka wa 2005,  yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunzuza . Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016, Benjamin William Mkapa yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza aho yamenyesha ko […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Umuririmvyi Yoya Jamal ubu abarizwa kumugabane w’iburayi yasize hanze akaririmbo kiwe gashasha gafise ubutumwa bunyuranye n’ivyo yarasanzwe aririmba. Naho Benshi bari bamenyereye kumva  Yoya Jamal aririmba indirimbo zijanye n’urukundo ,canke ubuzima bw’isi ,Yoya Jamal yasohoye ubwambere indirimbo ivuga kubijanye n’ inzoga hamwe nakaboregwe . Iyi ndirimbo ya Yoya Jamal yasize hanze n’indirimbo yamweho kuva kera ariko akaba yayihinyanyuye mu mudiho ugezweho. Umviriza Nkunda kuboregwa ya Yoya Jamal ngaho musi Fyonda ngaha ubandanye […]

Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Inyuma yoho Willy Nyamitwe  umuhanuzi mukuru muvyo gutangaza amakuru mu bureau vy’umukuru ‘igihugu ategewe   umutego n’abitwaje ibigwanisho ariko akarusimba,benshi mu banyepolitike na cane cane abasanzwe bari mu kwaha k’ubutegetsi babandanya bagira ico bashikirije ndetse bamwe bakagenda bagira imigwi bagenda begekako ico gitero. Kubwa Jcques Bigirimana asanzwe arongoye umugabwe FNL ,wemewe imbere y’amategeko yatunze urutoke abari murunani Sindumuja kwaribo bashatse kugandagura umuhanuzi mukuru muvyo kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Inyuma y’igitero  cahatswe kuzimanganya ubuzima bwa Willy Nyamitwe asanzwe ,ari umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Pierre Nkurikiye ,asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi yatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru mu ntumbero yo gusigura ibijanye nico gitero hamwe no gushira ahabona aboba  bari inyuma yico gitero . Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabishikirije ,bwana Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko ,abakoze igitero kuri Willy Nyamitwe bari basanzwe bikekwa ndetse ko bamwe muribo bari bamaze […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Indege yaritwaye abakinyi b’umurwi w’umupira w’amaguru  wo mu cicaro cambere wo  mu gihugu ca Bresil ,yagiriye isanganya mu gihugu ca Colombia . Iyi Ndege yariko iraja mu gihugu ca Colombia ,yarimwo abantu bashika kuri 81 hakaba harimwo abakinyi bose bagize umurwi wa Chapecoense wo muri Bresil baherekejwe nabasanzwe babafasha kwimenyereza  hamwe  n’abaganga bakurikirana uwo murwi. Umurwi wa Chapecoense wariko uraja mu gihugu ca Colombia aho warugiye gutana mu mitwe n’umurwi wa Altético Nacional wo mugihugu […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Inyuma yo kugarukira  ku munwa  w’urupfu,arashwe n’umurwi witwaje ibigwanisho ,mugihe yaratashe muhira iwiwe mu Quartier ya Kajaga,Willy Nyamitwe yavuye mugacerere  yemeza kwataco yabaye ariko amenyesha ko yababajwe cane n’umu polisi yarasanzwe amucungera ubuzima yasize ubuzima murico Gitero. Mu majambo ya Willy Nyamtwe yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ,yashimiye abo bose bamufashe mu mugongo ariko amenyesha ko ababajwe cane n’umupolisi yamucungera ubuzima yaguye  murico gitero Willy Nyamitwe yagize ati”Je remercie […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Willy Nyamitwe, asanzwe ari ,Umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho  mugihe yaratahutse muhira iwiwe. Ibi vyabereye mu gisagara ca Bujumbura,aho Willy nyamitwe yaratashe iwiwe mu Kajaga aho asanzwe aba ariko kuca agwa mu mutego wabantu bitwaje ibigwanisho bakamucucagirako amasasu . uyu yariko araronderwa yaratashe iwe aho sanzwe aba ngaho nyene muri Quartier ya Kajaga. Amakuru ikinyamakuru cacu carose nuko ,uyu muhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, umutekano

Mugihe Reta y’Uburundi  yaheruka gushiraho umurwi wo   kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi ,abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi batanguye kwiyamiriza iyo ngingo ndetse bongera basaba ababishoboye kwamira hakiri kare amazi atararenga inkombe. Uwaje ubwambere ni Muganga Yohani Minani , umukuru wa CNARED Giriteka(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.) […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Francine Niyonsaba ,umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi  mu kwiruka imetero amajana umunani(800m) kugwego rw’isi yose yambitswe umudari w’iteka nk’umunonotsi wakarorero kandi urundi rwaruka rukwiye kurabirako akarorero keza. Umudari witeka yawambwitse n’umukuru w’igihugu ,kuruyu wa kane igenekerezo rya 25 munyonyo kuri stade yitiriwe “Urunani”iri muri komine Buganda mu Ntara ya Cibitoke. Francine Niyonsaba akaba yabwitse uyu mudari n’umukuru w’igihugu c’uBurundi bwana Pierre Nkurunziza mu birori vyari vyatumiwemwo abaserukira intara zose z’uBurundi  hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo […]

Categories: Amakuru, Burundi, Inkino, Muhira

Abanyarwa 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame. Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na  Padiri  Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu migabwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uRwanda warumaze igihe ukorera hanze y’igihugu c’uRwanda. Padiri  Thomas Nahimana arikumwe […]

Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Yohani Minani ,Umukuru w’urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije amajambo atangaje ku kibazo cerekeye umuhuza  mushasha w’abarundi  aheruka kugenwa. Muganga Yohani Minani ,asanzwe aserukira uruanani CNARED Giriteka  ,yamenyesheje ko adashigikiye na gato igenwa rw’umushingamateka Edouard Nduwimana yatowe mu Ntara ya Kayanza ,kuba umuhuza w’abarundi kuko ,ngwasanzwe ari umukozi w’umukuru w’igihugu akongera […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Pacifique Ninanahazwe umwe mubasanzwe badaharanira inyungu za Politike mu Burundi akaba numwe mubarwanije ikiringo ca gagatu c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 ,yagize ico ashikirije inyuma yitorwa ry’umushingamateka Edouard Nduwimana nk’umuhuza wabarundi. Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwiwe bwa Twitter ,Pacifique Nininahazwe akaba yashikirije amajambo adasanzwe aho yamenyesheje ko gutora Edouard Nduwimana nk’umuhuza wa’abarundi ari igitutsi kidasanzwe k’uBurundi n’abarundi. Mu majambo ya Pacifique Nininahazwe ,yasize  kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Kuruyu wagatatu ,igenekerezo rya 23 munyonyo 2016,mu Ntara ya Makamba ibarizwa mu bumanuko bw’igihugu igiposi c’uBurundi cazindutse gifata ibikoresho vya gisirikare . Nkuko vyatangajwe n’inzego z’igipolisi  zo mu Ntara ya Makamba  zemeje ayo makuru ko zazazindutse zisaka ibirwanisho mu bice vya Mabanda hamwe na Kibago bigize iyo ntara . Igipolisi kikaba cahavuye cerekana bimwe mubirwanisho cafatiye murico gikorwa,aho cerekanye bimwe mubikoresho vya gisirikare cafatiye murico gikorwa. Muvyo igipolisi cerekanye kumugarago ko cafatiye muriyo ntara […]

Categories: Amakuru, Burundi, umutekano

Mugacamugani kiwe ,Pierre Nkurunziza ,umukuru w’igihugu c’uBurundi yashimikiye kuri Bakame hamwe n’igikoko kinini kiba mumazi ,imvubu. Mugihe yariko araca ako gacamugani ,Pierre Nkurunziza yasanze yihenze ahari kuja ijambo Bakame ahashira ijambo kagame. Umviriza mu majwi umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza ngaho musi . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Inyuma yaho igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiburije abanyagihugu baco kudasubira kugira ingendo mu Burundi hamwe no kugendera mu duce tumwe tumwe mu gisagara ca Bujummbura,igihugu ca Canada naco cabujije abanyagihugu bacu gusubira guhonyoza ikirenge mu Burundi. Mu Rwandiko basize kurubuga rwabo ,travel.gc.ca  ,rusanzwe rumenyesha aho abanyagihugu bico gihugu bategerezwa kwirinda kubera umutekano muke,basavye abanyagihugu babo kutongeraguhonyoza ikirenge mu Burundi kubera harangwa umutekano muke kandi hashobora kwaduka ubwicanyi […]

Categories: Amakuru, Muhira

Kenshi abantu bakunda kwibaza k’urukundo rutakibaho ndetse haba mu bigeme canke abahungu  kwat’urukundo rukibarangwamwo , ahubwo ko ,umwe wese akunda afise ico agimje canke ico ariko ararondera kuri mugenziwe. Ariko naho biruko hari muvyukuri abantu bafise urukundo bakunda batagendeye kuco umuntu ari canke icafise canke ingene afatwa mukibano canke uko afatwa n’abagenzi bawe. Ibi naho kenshi biba bigoye kubona aho biba  vyabaye kw’isi ,hari ibiza bifatwa nk’ibitangaza n’abantu kw’isi bivanye […]

Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Umushingamateka ,Edouard NDUWIMANA  yatowe mu Ntara ya kayanza mu mugabwe CNDD FDD ,akongera akaba icegera ca kabiri c’inama shingamateka niwe yagenwe gusubirira  sheikh Mohamed RUKARA mukibanza c’umuhuza w’.abarundi  Edouard NDUWIMANA yemejwe n’abashingamateka ku majwi ashika kuri 91,3%. Abashingamateka b’uBurundi bakaba bemeje izina rya Edouard NDUWIMANA ku majwi 91,3 kw’ijana. Edouard NDUWIMANA akaba yariko arahiganirwa ico kibanza nabandi bashingantahe 2 aribo Prosper BAZOMBANZA hamwe na NTANGIBINGURA Amissi ,ariko aba ariwe yashoboye […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Mu gihugu c’ubuhinde habonetse umuryango (family)udasanzwe ,ufise ico utandukaniyeko ni’yindi ndetse abantu nka bose bawurimwo bafise ico bisangije atahandi hantu wopfa kukibona. Mu ntara ya  Bihar ,mu gisagara ca Gaya ,iri muburaruko bw’igihugu c’ubuhinde (Inde)niho uyu muryago udasanzwe ugizwe nabantu bashika kuri 25 ,abo bose bakaba bafise ikintu kidasanzwe aho umwe wese afise  intoke 12 kumaboko yose  hamwe n’amano 12 kumaguru yose . Naho twari dusanzwe tuzi neza ko umuntu akunda kuba afise […]

Categories: Amakuru, Mumakungu