Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurundi azwi kw’izina rya  Joe-Bryan Ndikuriyo w’imyaka 27 y’amavuko yishe mugenziwe ava mugihugu ca Nigeria amukase izosi bapfuye umwigeme .

Ibi vyabaye mumasaha y’ijoro agana samunani z’ijoro (2 am) kuruyu w’Imana  mugihugu ca Canada mu gice ca Ottawa ,aha aba babiri bagwanira mu kabare kari kw’ibarabara ryitiriwe umweranda Saint Laurent( boulevard Saint-Laurent.)

Nkuko igipolisi co murico gice  ca Ottawa cabimenyesheje cemeje ko cataye muri yompi Joe-Bryan Ndikuriyo inyuma yo kugandagura mugenziwe ava mugihugu ca Nigeria azwi kw’izina rya Solomon Odekunle , w’imyaka 21 yamavuko .

1

Solomon Odekunle yagandaguwe kw’ifoto

Inyuma yifatwa rya  Joe-Bryan Ndikuriyo ,igipolisi co kuri station  T yo muri Ottawa mu gice ca Ontario camenyesheje ko caanye imbere y;ubutungane  Joe-Bryan Ndikuriyo kuruyu wambere igenekerezo rya 7 munyonyo 2016 .

Iki gipolisi nyene cabadanije kimenyesha ko  Joe-Bryan Ndikuriyo yagiriwe nicaha kizwi nka Second degree murder iki naco murico gihugu ca Canada kikaba gihanishwa umunyororo w’imyaka iri hagati ya 10 na 25 ugihe uwagikoze arengeje imyaka 17 y’amavuko.

 Joe-Bryan Ndikuriyo kw'ifoto

Joe-Bryan Ndikuriyo kw’ifoto

Fyonda ngaha kugira ubandanye udukurikira kuri Facebook yacu.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply