Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe abarundi baba muri Canada bari bateguye  Journée du patriote burundais  ,ndetse  hakanatumirwa n’abahoze ari abategetsi bakomeye muntwaro  ya CNDD FDD ,ibintu bisa naho vyahinduye isura kuko kurundi ruhande abandi bari bashigikiye ubutegetsi bw’iBujumbura bariko barakora imyiyerekano yo kubiyamiriza.

Iki gikorwa ca Journée du patriote burundais cari categuwe na Barundi baba muri Canada na cane cane abasanzwe batemera ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza .

Mugihe iki gikorwa cariko kirabera mukigo ca   Vanier College  rimwe mwishure ryo ngaho mugisagara ca Canada riherereye mugisagara ca Montreal ,abasanzwe bashigikiye ubutegetsi bwa Nkurunziza ntiborohereje abo bariko bakora iyo nama,kuko bari hanze yaho bari bari n’ivyapa vyanditseko amwe mumajambo arwanya bwmwe bari baje murico gikorwa ca Journée du patriote burundais .

Nkuko amakuru ava murabo bari bitavye ico gikorwa abimenyesha ,abarundi barenga 300 boba bari butavye ico gikorwa ca Journée du patriote burundais ,mugihe mubashitsi biteka bari bafise hari hatumiwe uwahoze atwara inama nshingamateka y’uBurundi bwana Pie Ntavyohanyuma ,hakaba hari n’uwahoze ari umurongozi w’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu bwana Bob Rugurika hamwe n’umupfasoni Maggy Barankitse  asanzwe arongoye inzu yo gufasha impfuvyi maison shalom

Bamwe mubari baje muri Journée du patriote burundais kw’ifoto hasi 

12187875_10153091676046954_7104672451215856499_n

Kurundi ruhande hanze y’iryo shure hari abandi bantu bariko bariyamiriza abari murico gikorwa ca Journée du patriote burundais.

Aba bariko bariyamiriza ico gikorwa bakaba bari bafise ivyapa biriko inyandiko ahanini ziyamiriza Maggy Barankitse kubera amajambo aheruka gushikiriza abicishije kurimwe muma radiyo asamiranira ngaho nyene mugihugu ca Canada ,aho harimwo amajambo vyavuzwe ko yoba yaratutse umukuru w’igihugu.

Ibi akaba arivyo Maggy Barankitse yaheruka kuvugira kuriyo radiyo >>>>>> http://www.bishasha.com/2015/11/03/marguerite-barankitse-nishavu-ryinshi-yavuze-amajambo-arimwo-ibitutsi-abwira-umukuru-wigihuguamajwi/

 

12063744_141141536241555_3468261998521492003_n11012447_141141829574859_5183791471437502019_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply