Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Abarundi basanzwe baba mugihugu ca Canada bakoze imyogaragavyo yo gushigiki ubutegetsi bwa PETERO NKURUNZIZA.

Nkuko twavyiganiwe numwe mubagiye muriyo myiyerekano yo gushigikira ubutegetsi bwa NKURUNZIZA yagize ati”Uburundi ibiriko biratubako biteye agahinda ,abantu benshi bariko bitwaza ikiringo bita icagatatu ca Nkurunziza kugura bateze akajagari mugihugu ,bongera batuma dusubira inyuma nkibirenge mwiterambere ,ico twakoze uyu musi twashatse tubereke ko naho tudakunda kujanira hejuru nkuko babikora ko tuzi neza ibibera mugihugu cacu

Munyandiko abo bakoze iyo myiyerekano bakoze bari bagiye banditseko inzandiko zitandukanye aho bari bagiye banditseko amwe mumajambo akurikira”Non à la violence, non à l’ingérance étrangère et non aux lévées des fonds pour soutenir les actes terroristes. Oui au respect des millions de Burundais qui ont voté pour le President Nkurunziza.”

Ivyo bikaba vyakozwe mugihe haheze igihe kirenga amezi 5 hari ibisa naho ari akajagari mugisagara ca Bujumbura ,ndetse bihitana abantu benshi mugisagara ca Bujumbura na cane cane muma quartier yakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Igihugu ca Canada rero gikunda kuberamwo beniyo myiyerekano aho usanga  ari abadashigikiye canke abashigikiye ubutegetsi bwa Bujumburabakora iyo myiyerekano kugira bereke amakungu ibiriko biraba mugihugu c’uBurundi.

Raba hasi amafoto yaranze iyo myiyerekano

bishasha.com:abarundi baba muri Canada bashigikiye Nkurunziza 12065779_10205066483205343_2464644059818411756_n

12039192_10205066482925336_4360679767438932714_n (1)10422003_10205066484245369_6021955205580157554_n (1)

 

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply