Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Kuruyu wa Gatatu ubutegetsi bw’igihugu ca Canada bwatangaje ko bukuyeho vyagateganyo iyirukanwa ryabarundi baba murico gihugu kubera impamvu z’umutekano muke urangwa mu Burundi.

Nkuko vyatangajwe n’ibiro bijejwe imipaka yo mugihugu ca Canada “Agence des services frontaliers” ico kigo camenyesheje ko bivanye n’ibihe igihugu kiriko kiracamwo ,n’ukwiyongera kw’umutekano muke uguma wibonekeza mugihugu c’uBurundi ,Reta ya Canada ko yabaye irasubiza inyuma iyo ngingo .

Ubu burongozi nyene bukaba bwabandanije buvuga ko mugihe amahoro n’umutekano bizosasagara mu Burundi n’iryane za Politike zigahera ko bazokwongera kwiga kuriki kibazo hama bakarungika abo barundi basanzwe bari kubutaka bwa Canada.

Tubibutse ko vyari bitegekanijwe ko abarundi baba mugihugu ca Canada boba badafise ivyangobwa vyaheze canke badafise ivyangobwa bikwiye nkuko amategeko y’igihugu ca Canada abitegekanya abivuga ko basubizwa iwabo.

Aha twobibutsa ko Canada isanzwe yakira abantu baba bavuye ahaba hariko harabera ibibazo vya politike canke izindi ryane zose zifatiye kuri politike ,ibi rero bikaba bitakozwe ku barundi gusa ahubwo vyakozwe no kubandi banyagihugu bava mubihugu bitandukanye  nka Somalie,  bande de Gaza,  Syrie, Mali,Republique Centrafricaine ,Soudan yepfo,Libye,Nepal,na Yemen
Ibi bihugu vyose bikaba bisanzwe biri mubibazo vya Politike ,ivyo akaba arivyo bica bituma abanyagihugu babo bahungira mugihugu ca Canada canke bakajayo ariko ntibasubire kwipfuza gusubira iwabo .


Categories: Muhira

Leave a Reply