Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe igikorwa co gukina amareresi(film) ngaha mu gihugu iwacu biguma biboneka ko kibandanya gitera imbere umusi kumusi ndetse no mugice ca Africa y’ubuseruko muri rusangi  ,bamwe mu Barundi basanzwe bakina amareresi ngaha iwacu bisize hamwe n’abagenzi babo bo mugihugu kibanyi c’uRwanda kugira bakore ikintu kidasanzwe ,ndetse bakore irerese(Film) izoba iri kugwego rushimishije ishobora kurabwa igatahugwa bitagoranye  mugace kose ka Africa y’uBuseruko.
Nkuko twavyiganiwe na Fleury Ndayirukiye asanzwe akuriye inzu izokora iyi reresi  izoba ihuriwemwo n’abarundi hamwe n’abanyarwanda  ,Fleury Ndayirukiye yatumenyesheje ko babicishije munzu yagenewe gusohora amarersi ariyo   Kigali-buja films production,abarundi hamwe n’abanyarwanda bagiye hamwe kugira bakore Film yabo yambere izoba  yitwa “CA INKONI IZAMBA” .
Naho iri jambo (“CA INKONI IZAMBA”)risa naho rigoye gutahurika ,Fleury Ndayirukiye asanzwe akuriye iyi nzu yateguye iri reresi (film)yatumenyesheje ko mu bisanzwe iri jambo rizoba risigura mururimi ry’iKirundi “GIRA IKIGONGWE canke “GIRIMBABAZI “
Fleury Ndayirukiye yabandanije atumenyesha ko iyi reresi igiye kuba iyambere ikinwe ihuriyemwo n’abakinyi babarundi hamwe n’abakinyi banyarwanda ndetse ikaba igiye gukinwa mu ntumbero yo kwagura isoko rya mareresi kumpande z’ibihugu vyose haba ku Burundi hamwe n’uRwanda ,eka mbere ikaba ifise n’intumbero yo kwerekana ubucuti bukomeye busanzwe buri hagati y’urwaruka rw’uBurundi hamwe n’urwaruka rw’igihugu c’uRwanda.
Kurundi ruhande abateguye iyi reresi babandanya bemeza ko iyi reresi yabo bayitezeko vyinshi ndetse ko bizeye ko mugihe izoba igiye ahabona izokundwa n’abantu benshi cane kuko isanzwe irimwo abakinyi babanyarwanda hamwe n’ababarundi basanzwe bafise ubumenyi bukwiye mu gikorwa co gukina ama reresi .
Ilunga kuruhande rw'uRwanda azoba akina nka Pasteur mugihe uyu mwigeme wo kuruhande rw'uBurundi azoba akina kw'iizina rya Deborah

Ilunga kuruhande rw’uRwanda azoba akina nka Pasteur mugihe uyu mwigeme wo kuruhande rw’uBurundi azoba akina kw’iizina rya Deborah

Iyi reresi idasanzwe vyitezwe ko izoja ahabona mu ntango z’ukwezi kwa rusama 2016 ,eka mbere  bikaba bitegekanijwe ko uburyo(Amahera) buzokurwa muriyi reresi kuncuro yambere ,ko buzofasha mu gufata mu mugongo   impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bitandukanye  kubera iryane za Politike zimaze igihe mu Burundi

Kimwe mugice kizoba kigize iyi reresi (film)

Kimwe mugice kizoba kigize iyi reresi (film)

Tubibutse ko Fleury ndayirukiye asanzwe akuriye iyi nzu ya kigali-buja films production asanzwe ari umwe mubakinyi babarundi basanzwe bafise ubumenyi budasanzwe mugukina amarersi (film )mu Burundi ndetse akaba amaze kuronka ubushimwe atari buke nga mu Burundi mw’ihiganwa ryama reresi (film) ariryo FESTICAB .

 ……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

Categories: Amakuru, Ireresi, Muhira

Leave a Reply