Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mumasaha yo kumuhingamo abantu atari bake bakomerekeye bimwe bikomeye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 26 ruhuhuma 2016 mugitero c’amagrenade abiri c’agabwe n’abantu batamenyekanye  asanzwe haherereye isoko benshi bakunda kwita Muruvemera,isanzwe iherereye muri zone ya Buyenzi .

Nkuko amakuru ava ngaho mu Buyenzi abimenyesha ,izi grenades zatewe ari zibiri zose hamwe ,imwe ikaba yatewe imbere y’ububiko ( agence de l’Interbank)busanzwe buherereye iruhande yisoko ya ruvumera .Iyi grenade ikaba yakomerekeje abari muriyo micungararo bagera kuri 4

12800322_1058867444175294_1745568647103581605_n

Umwe mubanyagihugu bakomerekejwe niyi grenade yatwe mu Buyenzi

Iyindi grenade yatwe muri zone nyene ya Buyenzi ariko yoyo ikaba yatewe hagati muri quartier ,iyi grenade nyene nayo bivugwa ko yakomerekeje abatari bake .

Ibi bibaye mugihe mu gisagara ca Bujumbura hari umurwi w’abakuru bibihugu baje kuraba ingene bogerageza gusukamwo mabisi mu ryane  za Politike ziri mu Burundi,bongere  barabe ingene bokwumvikanisha abaraba ayingwe ngo baganire kugire amahoro n’umutekano vyongere bigaruke mu gihugu.

Tubibutse ko muriyi zone nyene ya Buyenzi ,mundwi iheze  haheruka guterwa grenade kw’ibarabara rya 1 igakomeretsa abantu bagera kuri 30.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply