Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mumasaha y’umuhingamo mu gisagara ca Bujumbura hongeye guterwa igitero ca Grenade inyuma yigihe c’imisi mike cane hatewe izindi grenade 3 nyene mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Iyi grenade yatewe kuruyu wa kane igenekerezo rya 11 ruhuhuma 2016 yatandukanye cane n’izindi grenade zari zimaze guterwa mu gisagara ca Bujumbura ndetse iba niyambere yakomerekeje abantu benshi.

Iyi Greneda imwe rudende yatewe mu gice ca Buyenzi hagati y’ibarabara rya gatatu n’iryakane murico gice ca Buyenzi.

Iyo nkozi y’ikibi yateye Grenade  yaje ari kw’ipikipiki muri zimwe zisanzwe zunguruza abantu,aza anafise iyo grenade mw’ishashe aca ayiterera hasi mukibanza yarabonye harimwo abantu benshi.

Inyuma yo kuyiterera hasi ,abari ngaho baciye bashwabaduka bihutira kuraba icuwo muntu atereye hasi kuko cari giteye amakenga.

Haheze akanya gato cane niho iki gisasu co mubwoko bwa Granade caca giturika gica gikomeretsa 26 mubaraho ,ndetse abagera 9 barababara cane.

160211124117_bdi_buyenzi_grenade_512x288_bbc_nocredit

Aba bakomerekejwe niki gitero habonetsemwo utwana tubiri tukiri duto ndetse hanabonekamwo n’umukenyezi yakomerekejwe niyi Grenade.

Umuvugizi w’igipolisi c’uBurundi umushingantahe Pierre Nkurikiye yemeje aya makuru abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ariko amenyesha ko uyu yakoze iri bara atashoboye gufatwa ariko kw’inzego z’umutekano ziriko zirahiga uwoba yakoze iryo bara.

Amajambo Pierre Nkurikiye yanditse kuri Twitter

Amajambo Pierre Nkurikiye yanditse kuri Twitter

Iki gitero ca Grenade  kikaba kije inyuma y’igitero cama grenade atatu caheruka gukorwa hagati mu gisagara ca Bujumbura kigahitana umuntu umwe mugihe abarenga 8 bari bakomeretse.

 


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply