Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igihugu ca Burukina Faso kiramutswa umukuru w’igihugu mushasha Roch Marc Christian Kaboré ,gishobora gutana mu mitwe n’igihugu ca Cote d’ivoire kirongowe na  Alassane Quattara kubera ibitero abasirikare bahoze mu gisirikare ca Burkina Faso baheruka gutera murico gihugu ahasanzwe habikwa ibigwanisho.

 

Ibi bitanguye kunugwanugwa inyuma yaho habereye ibitero kw’ibarabara rya  Kwamé N’Krumah risanzwe riherereye mu gisagara ca Yimdi ,ibi bitero bikaba vyagirije abahoze bari mugisirikare ca Burkina Faso bacuditse n’uwahoze arumukuru w’igihugu wa Burkina Faso bwana Compaore.

Inyuma yibi bitero abategetsi b’igihugu ca Burkina Faso bamenyesheje ko ibi bitero vyakwoze n’abisirikare bahoze bacungera uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso ,baca banamenyesha ko abo basirikare basanze bacumbikiwe mugihugu bahana urubibe ca Cote d’ivoire.

Ibi rero vyaciye bituma igohugu ca Burkina Faso gifata ingingo zidasanzwe zo gukingira imbibe zaco aho caciye gishira abasirikare benshi kurubibe basanze bahana n’igihugu ca Cote d’ivoire kugira bacunge uwo wese azoba aje avuye murico gihugu aje guhungabanya umutekano wabo.

Abasirikare benshi cane  ba Burkina Faso bajanwe kumupaka

Abasirikare benshi cane ba Burkina Faso bajanwe kumupaka

Tubibutse ko iki gihugu ca Cote d’Ivoire arico gisanzwe carahaye ubuhungiro uwahoze aramutswa igihugu ca Burkina Faso inyuma yaho yirukaniwe n’abanyagihugu ,uyu mugabo Compaore naho yirukanwe n’abanyagihugu Sentare mpuzamakungu iheruka gusohora umutahe wo kumufata ariko mugenziwe wa Cote d’Ivoire yarase kumutanga kubera asanzwe ari soma mbike wiwe.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply