Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe igisagara ca Bujumbura cari kimaze igihe gisa n’igitekanye kuruyu mugoroba wo kuwa 17 nzero 2016,abantu bari kw’ipikipiki bahejeje kurasa abantu bashika kuri 3 mugisagara ca Bujumbura.

Nkuko amakuru ava ngaho mu Bwiza abimenyesha ,abantu baje kw’ipikipiki bitwaje ibigwanisho bahejeje kurasa abantu batatu bari mu zone ya Bwiza ahasanzwe hahurira ibarabara rya gatandatu n’iryicenda.

Inyuma yiraswa ryaba bantu 3 ,amakuru ava ngaho murico kibanza  amenyesha ko aba batatu bose baciye baciye bacikana.
Aba batatu bagandaguwe akaba ari:
OPP1 Dusabumuremyi Anicet yakora muri (MAROHA)
NDIKURIYO Protais yari DG ressources humaines du ministère de l’éducation(DG/RH au MINEDUC)
Me NDUWIMANA Emmanuel uyu akaba yari umushingwamanza

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply