Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2016, mu masaha yo mugitondo ,Mugisagara hagati ca Bujumbura imwe mu mazu asanzwe ikorerwamwo ubudandaji hamwe n’ibindi bikorwa bitandukanye(des bureaux) yafashwe n’umuriro bitaramenyekana ico woba waturitseko.

Uyu muriro igifata iyo nyubakwa abari ngaho muriyo nyubakwa hamwe nabari bahegereye bihutiye gusohora ivyari muriyo nyubakwa babishira hanze mugihe abandi bariko baragerageza kuzimya uwo muriro

Iyuma yakanya gato igipolisi kijejwe gukinga impanuka caciye kihashika kiza kuzimya iyo nyubakwa y’amagorofa abiri .

Igipolisi kijejwe gukingira impanuka canyarutse kuhashika kugira kuzimya uwo muriro

Igipolisi kijejwe gukingira impanuka canyarutse kuhashika kugira kuzimya uwo muriro

Naho uwo muriro washoboye guhagarikwa ,ivyononekariye muriyo nyubako muri rusangi bitewe nuwo muriro ntibiramenyekana gushika aya masaha.

Tubibutse ko iyi nyubakwa yariherereye iruhande y’iBank nkuru y’igihugu BRB(Bank de la republique du Burundi)ndetse n’iruhande y’iBank KBC .

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply