Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa gatatu itariki 3 ruhuhuma 2016 ,mugisagara ca Bujumbura hongeye kugabwa ibitero vya Grenade ,aho mugisagara hagati ca Bujumbura hatewe ama grenade atatu mukiringo c’iminota 20 .

Nkuko bishikirizwa n’abari begereye ngaho murico kibanza habereyemwo ubwo bubisha ,i grenade zibiri zabanjwe guterwa  imbere y’inyubako y’ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel ,kwibarabara ry’itiriwe Patrice Lumumba.

Kw'ishirahamwe Lumitel hahejje guterwa grenade

Kw’ishirahamwe Lumitel hahejje guterwa grenade

Inyuma y’iminota idashika 20 hatewe izo grenade zibiri amaja kuri Lunitel ,iyindi grenade yaciye iterwa kw’ibarabara rya Croix Rouge imbere y’ibanki ya BNDE ,imbere yahari igituro ca ma Bus asanzwe aja mubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Kubwa Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’igihugu yamenyesheje ko izi grenade zakomerekeje abantu umunani ,harimwo umwe yakomeretse cane ndetse akaba yaciye yitaba Imana azize ibikomere .

Pierre Nkurikiye yabandanije amenyesha ko inyuma yivyo bitero  hafashwe abantu babiri bari mubikekwako ico gitera cama grenade cabere mu gisagara ca Bujumbura

Ibi rero bikaba vyatumye abanyagihugu batari bake baca bakinjura bakava mu gisagara ca Bujumbura ndetse n’ama Bank amwamwe aca arugara kubera umutekano muke.

Grenade ya Gtatu yatewe muriki kibanza inyuma y'isoko

Grenade ya Gtatu yatewe muriki kibanza inyuma y’isoko

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply